Accueil > Ukwemera > Petero Nkurunziza : Ukwemera kutagira ibikorwa nta kamaro kuba (...)
Petero Nkurunziza : Ukwemera kutagira ibikorwa nta kamaro kuba gufise
samedi 24 Myandagaro 2013
Mu nyigisho za mbere zari zigenewe abarongozi n’abajejwe intwaro, mu masengesho y’iminsi ine yateguwe n’umuryango w’umukuru w’igihugu mu Rumonge mu ntumbero yo gushimira Imana no gusengera igihugu, Petero Nkurunziza yasiguye ko ukwemera kutagira ibikorwa ataco kuba kumaze.
" Muhamagariwe kugaragaza ukwemera kwanyu mu bikorwa kuko kuba indongozi ari umuhamagaro uva ku Mana. Nimwitondere uburongozi bwanyu kugira mubere akarorero abari inyuma yanyu, maze mwifashishe umuhamagaro mwahawe kugira ugushaka kw’Imana kuranguke."
Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yibukije abarongozi n’abajejwe intwaro bari ngaho ko imyaka boba bafise itobabera intambamyi mu kurangura imigambi bazoba bihaye kuko Imana itanze igikorwa mu muhamagaro yongera igategekanya n’uburyo bwo kugishikako. Yatanze akarorero k’umuvugishwa Yeremiya yahamagariwe gukorera Imana akiri muto cane.
Umuvugabutumwa ava mu gihugu ca Canada, Jean- Tulpin nawe nyene yari yatumiwe yarashimye izo nyigisho zihamagarira abarongoye abandi kwicisha bugufi no kugaragaza ibikorwa bivuye ku kwemera.

Egide Nduwimana