Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Reta isabwa gushigikira urwaruka ruderembeza utundandazwa mu micungararo (...)
Reta isabwa gushigikira urwaruka ruderembeza utundandazwa mu micungararo itandukanye
vendredi 24 Nzero 2014
Bamwe mu banyagihugu badandandariza mu mabarabara y’igisagara ca Bujumbura, basaba Reta y’Uburundi ko yokora ibishoboka vyose bakabaronderera aho badanzadariza, bakareka kwama bariko barasiganwa n’igiporisi babibaka, ahubwo bakipfuza gushigikirwa na Reta.
Ivyo bikaba vyavuzwe n’umwe mu basore bari bahejeje kwakwa utwo baderembeza iruhande y’ahahoze hari isoko nkuru ya Bujumbura, itarasha ngo itokombere. Claude Nkurunziza avuga ko amaze imyaka itatu ariko akora akazi ko kundandaza utuntu. Yabariye ikinyamakuru IGIHE ko imbere yadandaza amazi, asubira kudandaza utumwanya n’utuntu two kununuza mu kanwa.

Ubu rero Nkurunziza akaba yari yatanguye kudandaza utuntu two kwambara ku mutwe tw’abakenyezi, utumuri two gukoresha mw’ijoro, n’utundi tudandazwa dutandukanye. Aho yariko ararengana iruhande y’mamamodoka yunguruza abantu aja mu Nyakabiga na Bwiza, akaba yatwatswe n’umuporisi abanje kudushwiragiza hasi.
Bamwe mu babibonye, bakavuga ko ivyo vyama vyashitse ariko ko bitangaje, na rirya abo basore baderembeza utuntu bari bakwiriye gushigikirwa na Reta, kugira ntibaje mu mabarabara, ngo bahave bafata ingeso mbi, harimwo ukwiba, n’ayandi mahano yohava yaduka muri urwo rwaruka, bakayakorera inzirakarengane z’abanyagihugu.

IGIHE
Messages
24 Nzero 2014, 13:24, par Nayuburundi
Rira mwihorere bene Burundi mbe muzohora ryari?Ahandi reta zirirwa ziratanga udutahe n’ugufasha abanyagihugu babo kwibeshaho neza mucabibarutse;mugihe Reta yacu ari ukutwomoraninzara canke twangare!!Yeemwee bene Burundi tuzoba abande ga??Twemere twicwe n’umunanu?Shame ,reta yacu iteye isoni uko ifata benigihugu!!Muze murunguruke ahandi murabe ahubwo bahamagarira abantu kwigiragiza hakwicara kugira bitunge banatunge nigihugu cabibarutse!!Barundi turateyisoni kuko ntamvo nimwe ituma twototeza bewacu tuvukana hakubunganira!!
27 Nzero 2014, 08:36, par Jimmy
Ivyovyose bitegwa n’ ukudatembela mubindi bihugu!Ese boshima ugwogwaluka lubaye abajambazi?Kuki leta y’ ubulundi itabona kule?Ichambele mwank’ itelambele,ivyiza ntimwelekwa!Nanzi Mkombozi yavuga aliko ntimwumva!Lek’ abasani bibulundi baririmbe,muleke babakebule!
17 Ruheshi 2014, 14:31, par sijenavyigize
Murabona nkubu tumaze imwaka hafi cumi Leta yaradusohoye mu matongo yacu yo mu Gasenyi ngo bagire bahubake ingoro y’umukulu w’igihugu ariko n’ubu ico gikorwa ntikiratangura. Iyo nduze , nciye ahahora ari iwacu, ndaharaba hakandaba. Muri iyi myaka cumi iyo batureka tuba twarigiye imbere, n’abana baba barashoboye kwiga, none raba, jewe mfuye ndondera aho notaha. Mbega nkubu ntibotureka tukaja no kwiyamurira ivyamwa twasize?