Accueil > Ubuhinga bwa none > Twitter: irashobora gufasha guta ibiro
Twitter: irashobora gufasha guta ibiro
jeudi 24 Nzero 2013
Abahinga babashakashatsi bo muri kaminuza ya Caroline y’ubumanuko baratanganje ubundi buhinga bwo kuri Twitter. Ngo hako Twitter yokwama ikurikirana ivya abantu rurangiranwa ( les stars) canke bavuga k’utuntu n’utundi, ngo Twitter yarikwiye gufasha abantu kugira bate ibiro.
Ico cegeranyo cakozwe ku bantu 96 bafise ibiro vyinshi. Abo bantu babagabuye imice ibiri. Mu mezi atandatu, abo bantu baronse ama podcasts arimwo ibinyamakuru,hamwe n’impanuro z’ingene abantu bota ibiro n’ingene bogira imyimenyerezo.Umwe mubariko barimenyereza yarashizemwo programme ituma umuntu yonda kuri Twitter.
Iyo mirwi ibiri yose yari yataye ibiro bingana muri ico kiringo. Ariko abantu bakoresheje application ya Twitter bataye ibiro vyinshi.
Uko baguma baraba amakuru yo kuri Twitter niko baguma bata ibiro nkuko Brie Tumer-McGrievy umwe mubagize ico cirwa yabisiguye.
Icongewe kuri Twitter bagereranije na Facebook gihagaze kuvyizero vyo gutanguza pseudo(itazirano) ugaca urishirako mu buryo bwihishije. Nico catumye abo bantu bagira ingoga nyinshi bakaza bararaba utuntu n’utundi kuri Twitter misi yose kuwa gatanu.
Icigwa cagizwe kivuga ko gukoresha ayama telephone mashasha agezweho yitwa ama smartphones yoba ashobora kuba afasha mugutakaza ibiro.
Grace Irimbere