IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Uburundi bwahagaritse gukorana n’amabanki yo mu Burayi na Amerika

Uburundi bwahagaritse gukorana n’amabanki yo mu Burayi na Amerika

jeudi 16 Ruheshi 2016, par Jean De Dieu

Banki nkuru y’Uburundi yagiranye amasezerano na banki yo mu Burusiya yitwa Gazprombank. Nk’uko mu biro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu babimenyesheje ku rubuga ngurukanabumenyi Twitter, ayo masezerano agamije gukora ibijanye n’urudandazwa rw’abarwizatunga mu Burundi.

Ayandi makuru yacishijwe ku zindi mbuga ngurukanabumenyi zitandukanye avuga ko Uburundi bwitandukanije n’amabanki yose yo mu Burayi na Amerika.

Amafaranga yose ya Reta y’Uburundi agiye kuza aracungwa n’iyo banki yo mu Burusiya izwi kw’izina rya Gazprombank.

Gazprombank yashinzwe na Gazprom, ikigo ca Reta y’Uburusiya, ikaba kandi iya mbere kw’isi icuruza umwuka w gaz. Gasprom iri mu bigo bikomeye kw’isi mu budandaji bwa peteroli.

Mu mwaka w’2014, Gazprombank yashizwe ku rutonde rw’ibigo vy’ubudandaji vyafatiwe ibihano n’umuryango w’ibihugu vya buraya, ibihano vyafashwe na Reta zunze ubumwe za Amerika kubera intambara yo muri Ukraine.


IGIHE

Messages

  • u Burundi oooooooooooooooooooyeeeeeeeeeeeeeeeee turabishimye gose caaaaaaane

  • ivyo nivyiza cane!! muvavanure nabo bampatsibihugu.

  • Hozagara Burundi!! hama burya bugabo bwubuzungu bwa amerika naburayi bube burazezeta

  • Afadhali hawa ulaya si wema sana kwa Afrika, H.E Pastor Piter Nkurunziza warundi muungeni mkono, mimi nimebahatika kukaa nae kwa muda ni mtu mzuri saaana na marais kama huyo Afrika hakuna ni Mh.Magufi na Rais wa Botswana mpenden mmlinde wasijekuwaharibia kama hayati Ndadaye.

  • Afadhali hawa ulaya si wema sana kwa Afrika, H.E Pastor Piter Nkurunziza warundi muungeni mkono, mimi nimebahatika kukaa nae kwa muda ni mtu mzuri saaana na marais kama huyo Afrika hakuna ni Mh.Magufi na Rais wa Botswana mpenden mmlinde wasijekuwaharibia kama hayati Ndadaye.

  • ndaryohewe cane gose twivavanure nimbwa zishaka gusasira abicanyi.

  • barayamaz ngo ntarataze arutambundare ! bareke barundi baragowe arikorero nabobarusia ntibijajare igikoba cikwegera amakara

  • Zamurajuragirika Muranyariwe Nabonamasama Abarusiya Nimbura Kimazi Ni Bagateranya Ntakindi Bazi

  • Iyo ni intsinzi ikomeye. Abanyaburaya ata kindi barotera Uburundi atari ugusasika inganda , genocide no kugumiza abantafrika mu bukene no mu bukoroni, Uburundi burakoze kubava inyuma.

    Komera Burundi

  • ewe BURUNDI urazwi n ’IMANA pe erega nakare amerika n ’izo bank zabo ni vyo vyatuma UBURUNDI buguma bunyigira ter’imbere rero nakare ntarataze aruta mbundare.

  • Ivyobintu bikabavyabaye akabatari inintuvyokumunwagusa karabaye uburundi burikukiye vyukuri.

  • Ehhhh!!@@!@ twe ba Sindumuja ibyacu byorarangiye. Peter ubanza koko Imana ariyo imuyobora.

  • Mbega itumva muhevye Europe na USA NGO murakora nu burusiya niho mugicana umucanwa murakomere kuwusimya

  • Mupfa kwivugira, ubwose wavana nama bank ya buraya na america NGO washika kuki? Ninde kwisi arabona projects yakozwe nuburusiya? Naho aka ambassade yabo ari usanga yaramezeho ivyatsi, ndabatwenze murabaswa pe!!

  • Nico gituma u Burundi ari ubwanyuma kandi buzoguma ari ubwanyuma mu bijanye n’ubutunzi kwisi yose

  • Hahahahahhh ewe..burundi urongowe nabahinga bazigukenyura pee..America agakomye kose ngo dufatiy ubutunzi banaka ikindi ngo hahagaritswe infashanyo non bafash ubusa nibavemwo uburussia nigihugu gikomey kand cikwij ubrundi buza bwogorora reka ndabiberek imya uburundi bumaz bukorana namabank yuburayi na America bwashitse kuki?nimurindir iyimyaka intanu muzobona agahinda kumajamber no gucukura petroli nibindi biyikomokako komera banyakubahwa murakoze tuzamur ubu

  • abarundi twese bumutima muze twigine intsinzi.turikukiye nayo nyenicubahiro ni nka MOSE yakuye abisirayeri muri igiputa nawe azokura abarundi habi abushikane heza Imana imuri imbere. niyirambire.

  • abarundi twese bumutima muze twigine intsinzi.turikukiye nayo nyenicubahiro ni nka MOSE yakuye abisirayeri muri igiputa nawe azokura abarundi habi abushikane heza Imana imuri imbere. niyirambire.

  • abarundi twese bumutima muze twigine intsinzi.turikukiye nayo nyenicubahiro ni nka MOSE yakuye abisirayeri muri igiputa nawe azokura abarundi habi abushikane heza Imana imuri imbere. niyirambire.

  • @ Nta Burusiya, none imyaka nimyaniko tumaze gukorana nama bank ya Bulaya n’America ubona twimariyiki ntituri mubihugu vyambere bikenye kw’Isi ?
    None ugombuvuge kotwoba tugiye guhomba kubamubihugu vyambere bikenye kw’Isi ?

  • Rindira ayo mabanki yo mu Buraya na Amerika atangure kwishuza amadeni yayo Uburundi murabe ingene iyo banki yo mu Burusiya ifyura amaso bagenzi.

  • ivyo bavyita geo-finacial-political-economical-ethnical-historical and military positions.VERY SMART IN DEED.
    En bref belgique yarankiye uburyo uburundi bwokwigenga mukwimba minerais bufise.
    budget yiburundi ni 1billion us dallar a year with 50% dependancy, from another western state mais capacity za nickel,uranium,vadinium bufise bashobora kuronka a 2billion revenue.So imagine.Nico gituma ububirigi butifuje iyo independance .Nurwanda rukagia inzigu nuburoho

    So iyo ni revolution a jamais vue.C’est sure que cela vient de Dieu et si ca marche ce sera la 1ere en africa revolution economic-financiere.
    why?
    - parce que la russie privilege exchange en business et pas manipulation sociale or ONG unitile .on peut tjrs utiliser les ONGS de l’ONU
    - Mais ce qui est dangereux est que la russie peut causer une geurre entre burundi et rwanda pour rien que donner les arms en echange de minerais au lieu dedollar.
    mais cette option etait au temps communist
    - 

  • Aho mubona, Imana irakunda igihugu cacu.Iyo ngingo irashobora kuba intango y’iterambere. Imana ihabwe icubahiro.

  • @eric banza urebe ifaranga ryuburundi kurwego rwisi uko rihagaze then urabe credit uburundi bufitiye amabank yuburaya na america nuheza umbwire uko uburusia buzagobotora uburundi murubwo bukungu murwego rwisi?
    kuvuga urwanda ruzagira uburoho ntibishoboka kuko ifaranga ryurwanda rikubye incuro 3 kuburundi
    ubukungu bwurwanda burazamuka uko imyaka igenda kuko ubukungu bujyana na politic

    iyo ufite politic itari nziza nuko wakora gute uzokwama uri inyuma toujour .
    mubihugu bikenye biri munsi yubutayu bwa sahara uburundi nibwo buza kumwanya wa 1 hagakurikiraho Congo kinshatsa. mwigobotore muribyo bibazo murimwo mureke kwihenura kubabarusha burikimwe cyose. thanks

  • Ahubwo twari twaratevye kk uburayi na amerika bari badufatiye amaboko i mugongo kuvz kera

  • Ivyo nivyo bita guta umutwe.
    Uburusiya bufis ibibazo ntanger ariko birumvikana ko aba DD batagira Ayo bacira n,ayo bamira bapfa ivyo bafash.
    Iyo Banque yo muri Russie izobishurira imyenda mufise???
    Ukwo niko kwikukira mwavuga, ko atanfashanyo iva hanz mugikeney.
    Ngo Russie iradukunda, iradushigikiye, bagwita urukundo rwa mumpekure.
    Baca umugani ngo " Urukundo rw,igikoko ni ukukurya".
    Russie si igihugu kigenzwa n,ineza uraraba aho baciye hose.
    Ni abakunzi b,inda, abahemu karuhariwe.
    Ariko ndaguye ndagarutse Nico kimwe n,aba DD.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.