IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > ECONET Leo > Umugambi wo kunga amashirahamwe Econet na Leo warangiye

Umugambi wo kunga amashirahamwe Econet na Leo warangiye

mardi 7 Mukakaro 2015, par Paterne

Umurwi Econet Wireless Group wamenyesheje ko umugambi wo kunga amashirahamwe yo gutumatumanako Econet Wireless Burundi na Leo warangiye, ubu hashinzwe ku mugaragaro ishirahamwe rishasha rizokora kw’izina rya Econet LEO.

Ukwiyunga kwayo mashirahamwe abiri biragaragaza neza ko ari iterambere rikomeye mu gisata co gutumatumanako mu Burundi, nk’uko bivugwa n’Umukuru w’inama shingantwaro w’ishirahamwe Econet LEO, Hardy Pemhirwa. Ku bwiwe, iyo ntambwe irerekana icemezo ishirahamwe Econet yihaye kugira itezimbere igisata co gutumatumanako mu Burundi.

Iryo shirahamwe Econet LEO rizoba ribaye ishirahamwe rya mbere rikomeye mu Burundi, aho bafise abanywanyi bagera ku miriyoni 2.6, bakaba bakoresha abakozi bagera kuri 242 n’abandi igihumbi baza baraha ibiraka.

Umuyobozi w’iryo shirahamwe Econet LEO, Darlington Mandivenga aramenyesha ko bagiye kugwiza ingoga mu guteza imbere Uburundi na cane cane mu gukorera neza abanywanyi babo.

Arongera akamenyesha ko ibikorwa vyabo atari ivyo guteza imbere igisata co gutumatumanako gusa ariko gushika ubu basanzwe banafasha impfuvyi amajana atanu (500) mu kubarihira amashuri kandi ko bafise umugambi wo gukorana na Reta y’u Burundi mu gutanga ivyuma bikorana n’imishwarara y’izuba (panneaux solaires) ku mashure n’ibitaro vyo mu gihugu hagati.


Alida Sabiteka

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.