IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amagara y’abantu > Ibiza > Umugera watowe mu Bushinwa ubangamiye isi

Umugera watowe mu Bushinwa ubangamiye isi

samedi 4 Rusama 2013

Abanonosoye ivy’ibinyabuzima baravuze amakenga yabo kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 3 Rusama, ku bikorwa biteye ubwoba vyakoze n’abashakashatsi bo mu gihugu c’Ubushinwa, bo batoye umugera wo mu bwoko bw’akamangu, ufise ubushobozi bwo kwandukira n’abantu.

Umurwi w’abahinga b’abashakashatsi mu vy’uburimyi b’abashinwa bari kumwe na kaminuza y’uburimyi y’i Gansu bamenyesheje mu kinyamakuru co gihugu ca Leta zunze ubumwe za Amerika ko batanguje ubwoko bushasha bw’umugera, bateranije ibigize umugera w’akamangu H5N1 na H1N1.

Abo banonosoye ivy’ibinyabuzima bafise amakenga kuko uwo mugera H5N1 ushobora kwandukira abantu biciye ku nyoni, kandi ugahitana abandukiwe ku bice mirongo itandatu kw’ijana.

Ushobora kandi kwandukira umuntu ku wundi, ari naco catumwe bakinga ikwiragira ryawo gushika uno musi.

Kuva mu mwaka w’2003, umugera H5N1 umaze kwandukira abantu bagera ku 628, muri abo abashika ku 374 baritavye Imana, nk’uko bishikirizwa n’icegeranyo c’ishirahamwe mpuzamakungu ry’amagara y’abantu, OMS.

Ku bijanye n’umugera H1N1, wibonekeje mu gihugu ca Mexique, urandukira ku rugero rwo hejuru, ukaba umaze kwandukira hafi ica gatanu c’ababa mw’isi mu kiringo ca 2009-2010. Abagera ku bihumbi cumi n’umunani nibo wahitanye, bibandanya bivugwa na OMS.

Iyo migera yompi ikaba yandukira cane ingurube(vyabonekeye kuzo mu Buhindi), biciye mu guhumeka


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.