IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > Umunsi mukuru w’Intama uriko urahimbazwa

Umunsi mukuru w’Intama uriko urahimbazwa

samedi 4 Gitugutu 2014

Abari mw’idini rya Islam barahimbaza umunsi mukuru wa de Eid-El-Hadj kw’isi yose, uwo munsi ukaba uriko urahimbazwa no mu Burundi.

Uwo munsi witiriwe umunsi mukuru w’intama, ukaba wibutsa abari muri iryo dini rya Islam umunsi umuhanuzi Aburahamu yabura ishikanwa yohereza Imana, agaheza akemera gutanga umwana wiwe w’ikinege Sumayire ku bw’urukundo yakunda Uwuhoraho.

Abari muri iryo dini rya Islam bakaba bariko barahimbaza uwo munsi mukuru mu Burundi hose, mu gisagara ca Bujumbura kuva mu gatondo hakaba haboneka uruja n’uruza rw’abari muri iryo dini, biboneka ko biteguriye urubanza rukomeye.


Aristide Nizigire

Messages

  • Imana iduhezagire mubugingo bwayo amina.

  • Bana b’’Imana ,nagira naje mvuge ikintu kuruyu munsi mukuru . Hariho abantu baja muminsi mikuru batazi ico isigura .Mumajambo make nashaka kwibutsa , abifuza kumenya kuri Abraham . Imana yaritoreye Abraham mubandi ,imwemerera kumugira ihanga rikomeye , umuvyeyi w’’isi. Mugabo Abraham ntiyavyemera neza kubera yariko arasaza. Niho Imana yamugirira igitangaro akavyara umwana w’’umuhungu. Haraheze igihe Imana isaba Abraham wamwana wiwe ngo amutangeko nkishikanwa ,mugabo ico gihe Imana yariko iragerageza Abraham, Abraham ashitse aho yari kwicira umwana wiwe ngo amutangeko ishikanwa ,amaze gufata imbugita ngo amucumite , umumarayika ,arahamagara Abraham ati: geza aho Imana yabonye ko wayubashe ,ushobora kuyiha ico igusavye. Abraham yunamuye amaso ngo arabe iryojwi iyo rizananye ,abona intama yafashwe mugisaka , ayirengerako ,arayica ngonishikanwa mukibanza c’’umwana wiwe. Bantu b’’Imana ibitabo vyeranda vyose muzosoma ntaho muzosanga canke ngo mwumve Imana canke abamarayika bayo barabwiye Abraham ngo yice irya ntama. Ivyo yabigize kugatwe kiwe,kuntege nke zabantu .Imana itubuza gukora amaraso ayariyo yose .Ntakintu nakimwe kirekuriwe kwicywa. Ntihagire uwogenda arigisha ngo Imana yaraturekuriye kurya ibikoko ,canke ibikoko ngo birarekuriwe kuryana canke kurya abantu . Ivyo vyatanguranye nihanwa ryabo dukomokako Adam na Eva. Izo nyama mukazozirya ntaco zizobagira, mutaziriye ntaco muzobura , mugabo ntizizobashikana kumana. Ndabisubiyemwo gusa,naho benshi babirengako babizi.
    Nahubutaha.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.