IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > ECONET Leo > Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe Econet yirukanywe yagirizwa gusuma (...)

Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe Econet yirukanywe yagirizwa gusuma urusaku

lundi 11 Rusama 2015

Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe Econet Wireless Burundi yirukanywe na Reta y’Uburundi, yagirizwa kuba ari umusumyi w’urusaku hagati y’Urwanda n’Uburundi.

JPEG - 36.5 ko
Anthony Masozera

Amakuru yo kwizera ikinyamakuru IGIHE cashoboye kuronka mbere akemezwa yaba n’ibiro vy’umukuru w’igihugu canke ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ibindi bihugu, ni uko Anthony Masozera aturuka mu gihugu kibanyi c’Urwanda, yirukanywe na Reta y’Uburundi, kuva kuri uyu wa 10 Rusama uwu mwaka. Mu bushikiranganji bw’imigenderanire bashoboye kuduha ido ni do ry’icatumye yirukanwa, bavuga ko ari umusumyi w’urusaku, yumviriza bamwe mu bategetsi, mbere akanatanga akazi yisunze kamwana wa mama, aho hari abimwa akazi muri iryo shirahamwe, abagirije ko ari interahamwe.

Mwomenya ko ukwo kwirukana uwo muyobozi mukuru w’ishirahamwe Econet Anthony Masozera, vyoba vyanasabwe n’urwego rw’igendereza ry’Uburundi. Mw’ishirahamwe Econet kugeza ubu ntaco barabivugako.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.