Urucanco rwa "Fièvre Jaune" ku binjira hamwe n’abasohoka mu Burundi

Yanditswe na IGIHE
Kuya 22 Ruheshi 2016 saa 03:15
Yasomwe : 12726
0 0

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu mu Burundi bumenyesha abava canke baja mu bihugu bibanyi ko bategerezwa kubanza guhabwa urucanco rw’ingwara y’inyonko bita "Fièvre Jaune", ingwara yandukira kandi igoye kuvura, nk’uko bivugwa n’ubwo bushikiranganji, bakizeza abazorondera urwo rucanco bose ko bazoruronswa bitagoranye.
Muganga Thaddée NDIKUMANA, umuvugizi w’ubwo bushikiranganji amenyesha ko iyo ngwara y’inyonko bita "Fièvre Jaune" yibonekeje muri iyi minsi mu bihugu vy’akarere Uburundi (...)

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu mu Burundi bumenyesha abava canke baja mu bihugu bibanyi ko bategerezwa kubanza guhabwa urucanco rw’ingwara y’inyonko bita "Fièvre Jaune", ingwara yandukira kandi igoye kuvura, nk’uko bivugwa n’ubwo bushikiranganji, bakizeza abazorondera urwo rucanco bose ko bazoruronswa bitagoranye.

Muganga Thaddée NDIKUMANA, umuvugizi w’ubwo bushikiranganji amenyesha ko iyo ngwara y’inyonko bita "Fièvre Jaune" yibonekeje muri iyi minsi mu bihugu vy’akarere Uburundi buherereyemwo, nko mu bihugu vya Congo, Tanzaniya, Ouganda hamwe na Angola.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu ashikiriza ko haciye hafatwa ingingo y’uko abava canke abaja muri ivyo bihugu, baza canke bava mu Burundi, yaba abaca ku kibuga c’indege, ku bivuko canke ku mipaka Uburundi buhana n’ivyo bihugu, bategerezwa kubanza kwerekana ko bafise ikarata y’urucanco rw’iyo ngwara.

Muganga Thaddée NDIKUMANA yizeza abazorondera izo ncanco bose ko bazozironswa bitagoranye, akavuga ko zigeze kumera nk’izigabanutse mu bubiko, ariko ko ubu zirahari, abazishaka bose bazozironka.

Tubamenyeshe ko n’ishirahamwe VOLCANO, rimwe mu mashirahamwe yunguruza abantu bava hamwe n’abaja mu Burundi hakoreshejwe imiduga, ryamaze kumenyesha abaryitura ko atawurekuriwe gufata urugendo adafise iyo karata yerekana ko yahawe urucanco rw’iyo ngwara.


Kumenyekanisha

1
Nde O 1er-09-2016 à 19:01

Yemwe Ntakitabangamira Abarundi Ningwara Zivyanduka Nahogusenga Imana Yonyene

2
tuyishime 23-06-2016 à 06:12

kuki abarundi babaye ingaruzwa muheto yamacakubiri urwo rucaco ntabwo wijira kenya canke uve kenya wijire uganda utarufise none naho nurwa badd ese kuburundi ari ubwa barundi ivyo vyiyumviro mufise nimba mubishira muruvyaro muvyara turiko tujahe?

3
Falcon 23-06-2016 à 05:03

Murabe magabo kurugo rucanco,aba DD n’inkozi zibibi usanga bashaka kubatera ubumara,muragabe barabamara.

4
Neza 22-06-2016 à 20:35

Murarebane urwarucanco rwabadd atarisumu

5
SIBOMANA 22-06-2016 à 17:18

NONE IGORU CACO RUBONEKA HEHE ? MUBITARRO VYOHAGATI MUGIHUGU RURABONEKA? NDUHE UMUCO AHO TURUSANGA

6
SIBOMANA 22-06-2016 à 17:18

NONE IGORU CACO RUBONEKA HEHE ? MUBITARRO VYOHAGATI MUGIHUGU RURABONEKA? NDUHE UMUCO AHO TURUSANGA

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha