IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Iterambere > Urutonde rw’ibihugu cumi vyo muri Afrika biriko bifata inzira (...)

Urutonde rw’ibihugu cumi vyo muri Afrika biriko bifata inzira y’iterambere

mercredi 29 Rusama 2013

Icegeranyo co mu mwaka w’2013 ca PEA( Perspectives Economiques en Afrique) carashize ahabona urutonde rw’ibihugu cumi vyo muri Afrika biriko bitera intambwe zishimishije mw’iterambere rya kazoza muri Afrika mu kiringo c’umwaka w’2013 ushira uw’2014.

Igihugu ca Libiya nico kiza mu kibanza ca mbere kigakurikirwa na Sierra Leone, mu bihugu bisangiye akarere n’Uburundi, Repubulika iharanira intwaro rusangi ya Congo niyo iri mu kibanza ca hafi (ikibanza ca gatanu igakurikirwa n’Urwanda ruri mu kibanza ca cumi kuri urwo rutonde)

Muri ico cegeranyo, basanga mu ngereranyo Afrika y’uburengero ariyo izoronka iterambere rinyaruka mu kiringo c’umwaka w’2013 ushira uw’2014, ivyo bikaba vyashizwe ahabona n’amashirahamwe ukurikiranira hafi ibikorwa vyo mu bihugu vy’iterambere vyo muri Afrika, abifashijwemwo n’ayandi mashirahamwe mpuzamakungu nka PNUD, banki ya Afrika y’iterambere, n’ikigo kijejwe iterambere rya Afrika.

Ibifatirwako kugira bakore mwene izo ntonde ni nk’ibisata vy’ipeterori, ubutare n’agataka, uburimyi batibagiye abanyamitahe bava hanze.

Twashimye kubereka urutonde rw’ibihugu cumi biza mu kibanza ca mbere muri ico cegeranyo hamwe n’ibice vyahawe kw’ijana

1. Libye - 11,6
2. Sierra Leone - 9,6
3. Tchad - 9,5
4. Côte d’Ivoire - 9,3
5. RD Congo - 8,8
6. Ghana - 8,4
7. Mozambique - 8,3
8. Angola - 8
9. Zambie - 7,6
10. Rwanda - 7,2


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.