Accueil > Ubuhinga bwa none > ECONET Leo > « Vyemere ni vyo » na Econet, igabanuka ry’ibiciro
« Vyemere ni vyo » na Econet, igabanuka ry’ibiciro
vendredi 6 Kigarama 2013
Ishirahamwe ryo gutumatumana amakuru mu Burundi Econet, ryatanguje uruganda « Vyemere ni vyo », mu ntumbero yo kumenyesha Abarundi n’amakungu, igabanuka ry’ibiciro vyo guhamagara muri iryo shirahamwe.
Kuri uyu munsi wa gatanu w’igenekerezo rya 06 kigarama 2013, umugambi mwiza wo kworohereza Abarundi n’amakungu guhanahana amakuru biciye mu guhamagara, watagujwe n’ishirahamwe ryo gutumatumana amakuru ry‘i Burundi Econet, mu ruganda « Vyemere ni vyo ». Econet yapfundururiye agaseke Abarundi n’amakungu mw’igabanuka rigaragara ry’ibiciro.
![](local/cache-vignettes/L672xH504/unnamed-46-6c1a1.jpg?1550940616)
None « Vyemere ni vyo », bivuga iki?
Nk’uko twabibwiwe n’abakozi b’iryo shirahamwe, igabanuka mbonekarimwe ry’ibiciro muri Econet risaba kurisigurira abantu, kuko hari abokwibaza ko ari imvugo ndenzarugero. Guhera kuri iri genekerezo, guhamagara ku muhora wa econet ukoresheje Econet nyene ibiciro vyavuye ku mahera 126frbu (126fr/min) ku munota bija ku mahera y’amarundi 10fr bu (10fr/min). Umuhora wa Econet worohereje n’abahamagara ku yindi mihora. Bisigura ko guhamagara ku mihora nka Leo, Africel, Smart na Onamob nahonyene vyaganutse, vyavuye ku mahera y’amarundi 216 ku munota bimanuka gushika kuri 80 ku munota. Eka no guhamagara mu bihugu bigize akarere ka Afrika y’Ubuseruko ibiciro vyagabanijwe, ni amafaranga 80.
Mu bindi bihugu: Ubushinwa, Ubufaransa, Reta zunzubumwe z’Amerika, Ububirigi, na Canada, iryo gabanuka ntiryavyibagiye, guhamagara uwuri muri ivyo bihugu bitanu tuvuze bingana n’ibiciro vyo guhamagara uwuri mu wundi muhora kuko n’amahera 80 ku munota. Umuhora wa Econet, uriko ugerageza gufasha mw’itumatumanako ry’amakuru. Si ibiciro vyo guhamagara gusa vyagabanutse, na ngendanwa zidandazwa n’iryo shirahamwe zagabanijwe ibiciro. Ngendanwa zahora zigurwa amahera 92.000 zaganutse ibiciro kuko ubu ni 25.000, izahora ku 150.000 kuva uno munsi zigurwa amahera 50.000 atarenga ntarenguke. Ku bakoresha umuhora ngurukanabumenyi, igabanurwa habaye igabanuka ry’ibice mirongo itanu kw’ijana (50%)
![](local/cache-vignettes/L672xH504/unnamed-47-6f57a.jpg?1550940616)
Abanyagihu twabajije ukwo bakiriye ibiciro bishasha, bamenyesha ko banezerewe kubona Econet ibagarukiye, ariko bikeka ko bizohava bimara igihe gito. Tubajije ko iri gabanurwa ry’ibiciro ritaje kubera kenshi iyo umwaka igiye kurangira haba uturusho, abariko batangaza ivyo biciro bishasha, bamenyesheje ko iri gabanywa ntabanduka, kandi ari ibiciro bishasha vy’iryo shirahamwe.
Cherif Nkeshimana
Messages
23 Gitugutu 2014, 14:25, par Nsabimana issa
Amahoro mwanya kubahwa.nivyiza kuba muguma mudutegurira.ivyiza.iki ndafise.ikibazo mbega nivyo.mwaraguze leo?ubuyegukira.Econet?