Abatowe bagize inama nshingwabikorwa y’ishirahamwe FFB

Yanditswe na Egide NDUWIMANA
Kuya 9 Gitugutu 2017 saa 09:00
Yasomwe : 5310
0 0

Abarongozi bashasha b’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi (FFB : Fédération du Football du Burundi) mu nzego zose z’iryo shirahamwe batowe kuri w’Imana igenekerezo rya 8 Gitugutu 2017. Kw’isonga hari umukenguzamateka Reveriyano NDIKURIYO, yatowe mu kindi kiringo c’imyaka ine arongoye iryo shirahamwe.

Muri ayo matora yabaye kuri uwu w’Imana, turabashikiriza urutonde rw’abagize inama nshingwabikorwa y’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi (FFB).

1. Umuyobozi mukuru : Umukenguzamateka Reveriyano NDIKURIYO
2. Icegera ca mbere : Habimana Aimable batazira Marandura
3. Icegera ca kabiri : Sabumugabo Moustapha
4. Ikigega kiraba ubutunzi : Umushingamateka Denis Karera
5. Gutegura inkino (Compétitions) : Yussuf Mossi
6. Uwujejwe inkino z’urwaruka : Umushingamateka Sylvestre Ndayizeye
7. Igisata kijejwe imigenderanire : Kibuga Ramadhan
8. Igisata kijejwe umupira w’abakenyezi : Kabura Eugenie
9. Inkino za "Beach soccer" hamwe na "Foot salle" : Djuma Msoma.
10. Igisata c’abahagarikizi : Niyongabo Jean-Claude
11. Igisata kiraba amagara : Maronko Boniface
12. Igisata c’ubuhinga : Gishikizo Jean-Pierre
13. Igisata kijejwe umutekano na "Fair play" : Colonel Muyenge Alexandre.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha