IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Inkino > FOOTBALL > Aigle Noir uza mu kibanza ca mbere inyuma y’inkino z’umusi ugira 14 (...)

Aigle Noir uza mu kibanza ca mbere inyuma y’inkino z’umusi ugira 14 w’ihiganwa

Monday 5 November 2018, by vianney

Umurwi wa Flambeau de l’Est watsinzwe n’umurwi wa Bujumbura City igitsindo 1 k’ubusa bituma Bujumbura City uduga mu kibanza ca gatatu mu gihe wahora mu kibanza ca kane,mu gihe umurwi wa Kayanza United watsinze umurwi wa Flambeau du Centre ibitsindo 2 kuri 1.

Umurwi wa Olympique Star watsinze umurwi wa Atletico Olympique ibitsindo 3 kuri 1 mu gihe umurwi wa Ngozi City wanganije n’umurwi wa Messager Bujumbura igitsindo 1 ku kindi.

Umurwi wa Vital’O Fc watsinze umurwi wa Musongati Fc igitsindo 1 k’ubusa ,umurwi wa Messager Ngozi watsinze umurwi wa Bumamuru Fc ibitsindo 2 kuri 1.

Umurwi wa LLBS4A watsinze umurwi wa Rukinzo Fc igitsindo 1 k’ubusa.

Inyuma y’izo nkino,k’urutonde mfatakibanza umurwi wa Aigle Noir niwo uza mu kibanza ca mbere n’amanota 38,umurwi uza mu kibanza ca kabiri n’umurwi wa Musongati Fc ufise amanota 31,ubwa gatatu umurwi wa Bujumbura City n’amanota 23.

Kuva mu kibanza ca kane gushika mu kibanza ca 16 arico ca nyuma ,imirwi ikurikirana uku gukurikira Vital’O Fc ,Ngozi City, Rukinzo Fc,LLBS4,Les Lierres,Bumamuru Fc,Flambeau de l’Est,Kayanza United,Messager Ngozi,Olympique Star,Flambeau du Centre,Atletico Olympique,hamwe na Messager Bujumbura uza mu kibanza ca nyuma arico ca 16 n’amanota 7.


IGIHE

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.