IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Abagwayi 13 bahora bafungiwe mu bitaro Prince Regent Charles (...)

Abagwayi 13 bahora bafungiwe mu bitaro Prince Regent Charles barekuwe

mardi 20 Munyonyo 2012

Bari bamaze amezi arenga atatu barakize ingwara baje kwivuza ariko Babura amafaranga yo kuriha imiti, ibitaro PRC bica birababuza gutaba none baronse abagira neza babatangira amafaranga arenga imilioni zitandatu.

Bose hamwe abarekuwe ku mugoroba wo kuri uyu wa mbere ni cumi na batatu, bagizwe ahanini n’abana hamwe n’abakenyezi. Bahora bagwaye ingwara zitandukanye nka malaria, ibikomere, ingwara y’igisukari, ingwara z’abana n’izindi. Ishirahamwe ry’abagira neza ryitwa Direct-Aid niryo ryabatangiye amafaranga arenga imilioni zitandatu y’amarundi.

Uwurirongoye Cheik Ousman Omar avuga ati ‘’Abo bagwayi bari bateye ikigongwe ingene babayeho, duhejeje kubatangira amfaranga arenga gato imilioni zitandatu y’amarundi kugira harekurwe, abatashe ni abagwayi cumi na batatu bahora bafungiwe muri ibi bitaro’’. Iryo shirahamwe riranatangazwa n’iyo ngendo yo kubuza abagwayi gutaha kandi bakize. ’’Birabaje kubona hari abantu bafungirwa mu bitaro kubera ubukene bw’abo kandi atari bo babwiteye’’. Asaba reta cane cane ubushikiranganji bwo gufatana munda kwitaho ico kibazo c’abagwayi bafungirwa mu bitaro bitandukanye.

Muri ivyo bitaro PRC harasigayeyo abandi bagwayi barenga mirongo ibiri barindiriye uwobaserukako kugira nabo baronke amahirwe yo kurekurwa. Ishirahamwe Direct-Aid rimenyesha ko ryategekanije ayandi mafaranga arenga gatoya imilioni mirongo ibiri yo gukora igikorwa ciza nk’ico ku bitaro bitandukanye. Rigasaba n’abandi bagira neza kwitaho uwo mugwi w’abafungwa batamenyerewe mu gihugu.

Abo bagwayi barekuwe bavuga ko bari babayeho nabi muri ivyo bitaro. Umukenyezi umwe yavuze ati ‘’Tumaze gukira ingwara twari tugwaye hanyuma tukabura amafaranga yo kuriha imiti, ubuyobozi bw’ibitaro bwaciye budushira ahandi turindirira. Ntavyo kurya baduha kandi n’aho turyama hari habi cane. Kugira turonke ivyo turya twahora tuja gusega hirya no hino ivyo abandi bagwayi basigaje’’. Inzu bahora barimwo yari icunzwe n’abanyezamu.

Ubuyobozi bw’ivyo bitaro bumenyesha ko bwafashe ingingo yo gufunga abagwayi babuze amafaranga yo kuriha imiti kubera hari abagwayi benshi bahora batoroka iyo bamaze gukira gutyo ngo ibitaro bigaca bihomba amafaranga menshi.

Haraheze imyaka irenga itatu ibitaro vyose bikomeye bifashe iyo ngingo yo gufunga abagwyi baba batoye mitende ariko bakabura amafaranga yo kuriha kugira batahe iwabo. Ahakunda kuboneka abagwayi bafungwa ni ku bitaro Prince Regent Charles, ibitaro vy’itiriwe umwami karede mu Kamenge hamwe no ku bitaro vyitiriwe umuganwa Rwagasore.


Bonesha FM

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.