Bamwe mu bigeme bavuga ko umusi mukuru wabahariwe batawuzi

Yanditswe na IGIHE
Kuya 11 October 2018 saa 04:42
6405
0 0

Bamwe mu bigeme bavuganye n’ikinyamakuru « IGIHE » bavuga ko umusi mukuru wahariwe umwigeme atawe bazi kuko bawumva uriko uvugwa gusa batarabona abababwira ibijanye nuyo musi kugira nabo bawuhimbaze.

Ivyo babishikirije mu gihe kuruno wa kane igenekerezo rya 11 Gitugutu 2018 ari umusi mpuzamakungu wahariwe umwigeme.

Bamwe mu bigeme bavuze bati : «Sinarinzi ko uyo musi uriho canke uhimbazwa uno musi,umusi wahariwe abakenyezi niwo tuzi wonyene »

Abo bigeme basaba ko vyoba vyiza uyo musi ufashijwe ukamenyekana kugira abigeme baronkereho akaryo ko gushikiriza ingorane bahura nazo mu buzima bwabo hamwe no gushikiriza imigambi y’iterambere baba bafise kugira bashikirwe.

Uyo musi mukuru wahimbarijwe ku rwego rw’igihugu kw’ishure ryisumbuye rya Iteba muri komine Rumonge mu ntara ya Rumonge ku civugo kivuga giti :«Shigikira umwigeme w’umurundi mu kumuha inyigisho y’akanovera ata nda z’ishushu zibonetse.»


Kumenyekanisha

1
nkurunziza arexis 7-11-2018 à 16:08

Andika hano egonivyizakwibuka.Uwomusi gusa ikibazofise nuko uwomusiwajehakiri abagabobagitwara abanababakobwabakabakuramumashure bakabagira abagore kandibafise.abandibagore.Nasaba ubuyobozibwurundi buhagurukire.Abantunkabo kukontamutekanowobahohakiri abagabonkabo murakoze

2
Nitunga céléstin 24-10-2018 à 11:47

Ahubwo vyobavyiza batunganije uwomusimukuru mumakomine yose agize igihugu cuburundi natwe hano muri komine musongati twawumvise nkigitangaro ntitwarituzi kwubaho ahubwo muzomenyeshe kwiradio amatariki yukuri kugirango kumwaka abigeme bazowuhimbaze bawiteguriye murakoze

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha