Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yatanguje urugendo rw’urumuri rw’amahoro

Yanditswe na IGIHE
Kuya 5 September 2018 saa 03:20
34185
0 0

Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yatanguje k’umugaragaro kuruno wa gatatu igenekerezo rya 5 Nyakanga umwaka wa 2018 urugendo rw’urumuri rw’amahoro igice ca cumi na kabiri umwaka wa 2018 muri komine Bugendana mu ntara ya Gitega.

Murico gikorwa co gutanguza urugendo rw’urumuri rw’amahoro, Umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA yaciye yifatanya n’abanyagihugu bo muri komine ya Bugendana mu bikorwa rusangi vyo kubaka ishure ryisumbuye ry’imyuga rya Makaba.

Bitegekanijwe ko urugendo rw’urumuri rw’amahoro ruzorangira kw’igenekerezo rya 14 Nyakanga umwaka wa 2018 mu vyerwa vya Ngozi inyuma yo guca mu ntara zose z’igihugu.

Urumuri rw’amahoro mu Burundi rwatangujwe n’umukuru w’igihugu Pierre NKURUNZIZA mu mwaka wa 2006,uno mwaka wa 2018 rukazohimbazwa ku civugo kivuga giti: “Tuzirikane igihugu cacu tugiture amaboko,umutima n’ubuzima.”


Kumenyekanisha

1
Bukuru Zakari. 14-09-2018 à 19:49

Nashaka Kugir Iconterey Kuribivyimpunzi.Umukuru Wigihugu Cacu Aragahezagigw Weyiyumviriy Guhungur Impunzi.Nimuz Barund Namwe Barundikaz Twubake Igihugu Cacu Twitegurir Amator Ya2020.Ndumusor Kand Ndakund Umukur Wigihug Cac.Ndamugumbiriy Mwizina Rya Yesu.

2
Bukuru Zhache 14-09-2018 à 19:29

Urumuri Gwamamahoro Turarushima Gos Kuko Ruje Kumurikir Uburund N’abarundi Umukur Wigihugu Cacu Imana Yoyagushoboj Gutanguz Icogikogw Imana Dat Mushobor Vyos Ikudutungire.

3
Nduwimana 8-09-2018 à 00:09

nabishimy can jew nitwa olivier nkankora ngaha mukanyosha ndadandaza amafanta nutundi ivyaroriro turabifana icondabbasaba muzoba mukoz mundungikir indirimbo
ibona cank itabona yari nduwimana

4
Niyukuri burundi j:marie 7-09-2018 à 06:32

komera mutama nyene icubahiro turagukeje ramba ramba

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha