Abahagarikizi b’abarundi batatu bazohagarikira muri CECAFA Challenge 2017

Yanditswe na Pacifique BUKURU
Kuya 18 November 2017 saa 01:16
Yasomwe : 8658
0 0

Uburundi buzoserukirwa n’abahagarikizi batatu mwihiganwa ry’akarere CECAFA Challenge club murukino rw’umupira w’amaguru rizobera mugihugu ca Kenya muntango z’’ukwezi kwa kigarama.

Ihiganwa rya CECAFA risanzwe rihuza imirwi yo mukarere ka Afrika y’ubuseruko hamwe n’iyo hagatiri rizohuza imigwi nserukira bihugu igera kuri 10 n’Uburundi burimwo, rizotangura igenekerezo rya 05 kigarama mugihugu ca Kenya. Urutonde rw’abazohagarikira izo nkino rukaba rwarasohotse, igihugu c’Uburundi kikaba kizoserukirwa n’abahagarikizi bagera kuri 3 aribo Gatogato Georges , Hervé Kakunze na Abdul Karim. Mururwo rutonde, abahagarikizi bo hagati bagera kuri 8, n’abo kuruhande nyene bakaba umunani, bakazoshika mugihugu ca Kenya amagenekerezo ya 29 na 30 z’ukwezi kwa Munyonyo.

Twibutseko Uburundi bwashizwe mumugwi B urikumwe n’ibihugu nka Uganda, Zimbabwe, Ethiopiya hamwe na Sudani y’epfo.Ibihugu vya Zimbabwe na Libye bikaba bizoba vyitavye iryo higanwa nkuncuro yavyo yambere.


Kumenyekanisha

1
Bavugamenshi Pierre du Burundi 28-11-2017 à 12:24

ndipfurije intsinzi igihugu c’ Uburundi Imana ibaje imbere

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha