Abakinyi babiri ba Messager Ngozi bagiye gukina mu gihugu ca Zambiya

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 4 août 2017 saa 11:12
Yasomwe : 7983
0 0

Umukinyi Enock NSABUMUKAMA na Dieudonne NTIBAHEZWA bahora bakinira umurwi Le Messager FC w’I Ngozi bagiye gukina mu murwi wa ZESCO united mu gihugu ca Zambia mw’ihiganwa rigiye gutangura muri ico gihugu.

Abo bakinyi uko ari babiri bafashe indege kuri uno wa kane igenekerezo rya 3 Myandagaro 2017 bagana igihugu ca Zambia aho bagiye gutangura imyimenyerezo mu murwi wa Zesco United ukina mu cicaro ca mbere.

Enock NSABUMUKAMA yari asanzwe akina hagati mu murwi wa Messager Ngozi, mu gihe Dieudonne NTIBAHEZWA nawe yari umunyezamu w’umurwi.

Umurwi Messager Ngozi abo bakinyi bahora bakinamwo,waheruka kubura amahirwe yo gutahukana igikombe c’umukuru w’igihugu,inyuma yo gutsindwa mu rukino rwa nyuma n’umurwi Olmpique Star wo mu ntara ya Muyinga.


Kumenyekanisha

1
niyongabo desise 11-08-2017 à 00:23

abo bakinyi kari babiri ndabahaye amahigwe bazigikogwa kibajanye baze badutetureru abasigaye nabo bakomeze kubasengera kandi nabo basigare kurugo bacungiyeho ntibacike intege kubera abo bawiye nanje messager ngozi naho ntari muburundi ubu mugabo nkaba ndumurundo ngaho ingozi ndakunda messager ngozi nzoyigwa inyuma

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha