IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abakinyi babiri ba Musongati bahagaritswe mu nkino zisigaye z’ihiganwa rya (...)

Abakinyi babiri ba Musongati bahagaritswe mu nkino zisigaye z’ihiganwa rya Primus Ligue

jeudi 26 avril 2018

Franck Mandela, avuga ko Halidi Seleman na Seleman Amisi bahagaritswe kuko hari imyifato itabereye berekanye mu minsi iheze, aho bagiye gushira umukono ku masezerano yo gukinira imirwi canke bagasiba inkino, mu buryo budasiguritse.

Franck Mandela,avuga ko atari irya mbere abo bakinyi bahagarikwa, kuko bigeze guhagarikwa ubwa mbere iminsi mikeya, hanyuma barasaba ikigongwe baragaruka mu murwi Musongati.

Uwo ari mu burongozi bw’umurwi Musongati, amenyesha ko imyifato atari myiza yatanguye kwibonekeza igihe abo bakinyi baja gushira umukono ku masezerano yo gukinira imirwi yo mu gihugu ca Republika iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo, kandi mu murwi batabizi, mu nyuma hagera ko umurwi uja gukina inkino zikomeye z’ihiganwa ryo mu Burundi, ariko abo bakinyi ntibitaba urukino.

Kubwa Franck Mandela, imyifato nk’iyo abo bakinyi berekanye, bategerezwa kuyihagarika, kuko bayiretse ikarwira mu bakinyi vyohava bigira ingaruka no ku bandi.

Franck Mandela ahamagarira abakinyi kumenya ko umupira w’amaguru ufitiye akamaro abakinyi bo nyene ubwabo, ari naco gituma bafata ingingo zimwe zimwe kugira abakinyi babone ko ubuhombe bugaruka kuri bo, gutyo n’abandi bamenye uko bakwiye kwigenza.

Twagerageje kurondera Halidi Selemani umwe muri abo bakinyi bahagaritswe kugira atubwire uko yakiriye iyo ngingo, ariko ntitwashoboye kumuronka, tukaba tugiye kubandanya tumurondera.

Umurwi Musongati uri mu cicaro ca mbere c’ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu Burundi, uri mu kibanza ca 8 ku rutonde mfatakibanza, n’amanota 33.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.