IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Burundi - Uganda : Abakinyi 11 b’Intamba mu rugamba batangura mu (...)

Burundi - Uganda : Abakinyi 11 b’Intamba mu rugamba batangura mu kibuga

lundi 4 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

Umumenyereza mukuru w’intamba murugamba Alain Olivier Niyungeko yashize ahabona abakinyi 11 baza guhangana n’umugwi w’Ubuganda, kuri uwu wa mbere igihe c’isaha umunani ku masaha y’i Bujumbura. Pierre Kwizera benshi batazira Pierrot niwe yatowe kuba kizigenza w’umugwi w’Intamba uza gutana mu mitwe na Uganda.

Abatangura mu kibuga

Umunyegori ni Johnattan Nahimana.

Abakinyi b’inyuma ni Moussa Omar, David Nshimirimana, Rachid Léon hamwe na Trésor Ndikumana.

Abakinyi bo hagati ni Gaël Duhayindavyi, Pierrot KWIZERA, Shassir Nahimana.

Abakinira ku ruhande rwo gusatira nabo ni Laudit Mavugo, Hussein S hamwe na Abdoullazak Fiston.

Umumenyereza Alain Olivier amenyesha ko abakinyi bose bameze neza, kandi ko urukino barwiteguriye bikwiye.

Kuri urwo rutonde rw’Uburundi, mubona amahirwe ari menshi ku ntamba mu rugamba?


Pacifique BUKURU

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.