Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abakinyi bose batumweko ku rukino rw’Uburundi na Sudani ntibarashika
Abakinyi bose batumweko ku rukino rw’Uburundi na Sudani ntibarashika
mardi 30 Rusama 2017
Mu kiganiro umumenyereza Olivier NIYUNGEKO yagiranye n’ikinyamakuru IGIHE kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 30 Rusama 2017, yavuze ko abakinyi bose bakina mw’ihiganwa ryo mu gihugu c’Uburundi bamaze gushika mu mwiherero.
Olivier NIYUNGEKO amenyesha ko n’abandi bakinyi bakina mu mirwi yo hanze batumiwe bemeye kuza bose kandi ko babiri muri abo bamaze gutangura imyimenyerezo, abo nabo ni kizigenza Yamin Selemani akina mu gihugu ca Liban hamwe na NSABIYUMVA Frederic akina mu gihugu ca Afrika y’Epfo.
- Abakinyi b’Intamba mu rugamba mu myimenyerezo
Umumenyereza mukuru w’intamba mu Rugamba avuga ko biteze ko abandi bakinyi bava hanze bazoshika mu kigo c’ubuhinga kiri muri zone ya Ngagara kugira batangure imyimenyerezo, abo nabo ni : NAHIMANA Shassir na KWIZERA Pierrot bakina mu gihugu c’Urwanda, Cedrik akina mu gihugu ca Portugal, Abdoulazak Fiston akina mu gihugu ca Afrika y’Epfo, Laudit MAVUGO akina mu gihugu ca Tanzaniya hamwe na Kalim NIZIGIYIMANA akina mu gihugu ca Kenya.
- Olivier NIYUNGEKO batazira Mutombola, umumenyereza w’umurwi nserukiragihugu w’Uburundi
Olivier NIYUNGEKO amenyereza umurwi nserukiragihugu w’Uburundi asaba abakunzi b’umupira w’amaguru n’abarundi bose gushigikira umurwi kuko iyo utsinze ari ibendera ry’igihugu riduga.

Imyimenyerezo iba mu gatondo n’inyuma y’umuhingamo kuva isaha icenda n’igice iminsi yose kuva ku munsi wa mbere gushika ku munsi wa gatatu, iyindi minsi imyimenyerezo iba kuva isaha icenda n’igice gusa.
Bitegekanijwe ko urukino ruhuza umurwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba na Sudani y’epfo ruzoba kw’igenekerezo rya 10 Ruheshi 2017, ku kibuga citiriwe umuganwa Ludoviko RWAGASORE.


MUGISHA Van Naris
Messages
31 Rusama 2017, 16:28, par NDAYIZEYE jean baptiste
Amahigwe ni intamba murugamba tuzobikora 3-1 J B.vugizo burundi MAKAMBA gishiha