IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Abakinyi bose batumweko mu murwi nserukiragihugu baramaze gushika

Abakinyi bose batumweko mu murwi nserukiragihugu baramaze gushika

mercredi 7 Ruheshi 2017

Abatumiwe bose bakina hanze y’igihugu ni umunani : Yamin Selemani NDIKUMANA, Laudit MAVUGO, NAHIMANA Chassir, Kalim NIZIGIYIMANA, KWIZERA Pierrot, Amissi Cedrick, NSABIYUMVA Frederic hamwe na Fiston ABDULLAZAK.

Mu myimenyerezo yo ku muhingamo wo kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 6 Ruheshi 2017, abakinyi bose bari bitavye imyimenyerezo, naho umukinyi KWIZERA Pierre atagize imyimenyerezo kuko yasa n’uwufise akagora k’amagara atari yifashe neza.

Umumenyereza Olivier NIYUNGEKO ati : ’’Turiko turitegura kandi imyimenyerezo igenda neza, twizeye ko tuzotahukana intsinzi mu rukino ruzoduhuza n’umurwi nserukiragihugu wa Sudani y’Ubumanuko.’’

Ku ruhanze rw’abakinyi, nabo barizeye ko bazotahana intsinzi ariko bakemeza ko basabwa gukora n’inguvu n’ugushaka kuko abakinyi b’umurwi nserukiragihugu wa Sudani y’Ubumanuko bafise igihagararo.

Urukino ruhuza umurwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba n’umurwi nserukiragihugu wa Sudani y’Ubumanuko ruzoba kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 10 Ruheshi 2017, isaha icenda z’umuhingamo, ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko RWAGASORE.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.