Abamenyereza b’intamba mu Rugamba bagirishije inama y’ubuhinga imbere y’urukino na Etiyopiya

Yanditswe na MUGISHa Van Naris
Kuya 30 mars 2018 saa 03:23
7980
0 0

Umurwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba w’abakinyi batarenza imyaka 20 uri mu gihugu ca Etiyopiya, aho wagiye gukina n’umurwi nserukiragihugu waho. Mu gatondo ko kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 30 Ntwarante 2018, abamenyereza bagiranye inama y’ubuhinga n’abakini.

Amakuru dukesha urubuga rwa facebook rw’ikinyamakuru Burundi Sport, amenyesha ko umurwi nserukiragihugu intamba mu rugamba washikiye mw’ihoteri JUPITER International Hôtel, iri ku murwa mukuru Addis-Abeba.

Ayo makuru nyene amenyesha ko iyo nama yabaye, ari iya mbere y’ubihinga yo kwitegurira urukino rutegekanijwe kuw’Imana igenekerezo rya 1 Ndamukiza 2018.

Bitegekanijwe ko umurwi nserukiragihugu Intamba mu rugamba w’abatarenza imyaka 20, bagirira imyimenyerezo ku kibuga bazokinirako urukino, kur’uno wa gatanu,mu masaha y’inyuma y’umutaga.

Umurwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba w’abakinyi batarenza imyaka 20, wafashe indege ugana igihugu ca Etiyopiya ku mugoroba wo kur’uyu wa kane igenekerezo rya 29 Ntwarante 2018.


Kumenyekanisha

1
Niyonkuru Méthode 6-04-2018 à 20:42

Baye Ndabashimira Kukungene MwavYIFASHEMWO NEZA MUGATERA AGATEKA UBURUNDI

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha