Abarundi batatu bazohagarikira urukino rwa Total Champions League muri Tanzaniya

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 28 février 2018 saa 04:19
8460
0 0

Abahagarikizi batatu b’abarundi bashizwe ku rutonde n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ku mugabane wa afrika CAF, kugira bazohagarikire urukino ruzoba kw’igenekerezo rya 6 Ntwarante 2018, mu gihugu ca Tanzaniya,mw’ihiganwa rya Total Champions League.

Abo bamenyereza ni Pacifique NDABIHAWENIMANA, azoba ari hagati mu kibuga, Willy HABIMANA na Pascal NDIMUNZIGO, bazoba bari ku mpande z’ikibuga ; bakazofashwa n’umumenyereza agira kane ava mu gihugu ca Swaziland, Mangaluso Jabulani Langwenya.

Urwo rukino ruzohuza umurwi Yanga wo mu gihugu ca Tanzaniya hamwe n’umurwi Township Rollers FC wo mu gihugu ca Botswana .

Urwo rukino ruzobera ku kibuga ca Taifa kiri ku murwa mukuru Dar-Es-Salaam.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha