Abdul Razzak Fiston agiye gukinira Club de sportivo Primeiro de Agosto muri Angola

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 9 décembre 2017 saa 01:03
Yasomwe : 7155
0 0

Umukinyi w’umusatirizi mu murwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba Fiston Abdul Razzak yashize umukono ku masezerano yo gukinira umurwi Club de sportivo Primeiro de Agosto wo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Angola, mu kiringo c’umwaka umwe.

Amakuru dukesha ikinyamakuru c’inkino BurundiSport.com amenyesha ko Fiston Abdul Razzak yashize umukono kur’ayo masezerano, kuwa gatatu igenekerezo rya 6 Kigarama 2017.

Fiston Abdul Razzak yari yagiye mu gihugu ca Angola kuwa kabiri igenekerezo rya 5 Kigarama 2017, avuye mu gihugu ca Kenya aho yari kumwe n’umurwi nserukiragihugu Intamba mu Rugamba, mu mahiganwa ya CECAFA.

Mwomenya ko uwo murwi nyene wa Club de sportivo Primeiro de Agosto wakinishije kizigenza w’umurwi nserukiragihugu w’abakuze NDIKUMANA Yamin Selemani.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha