IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Afrika isaba kuronswa imirwi 10 mu gikombe c’isi mu 2026

Afrika isaba kuronswa imirwi 10 mu gikombe c’isi mu 2026

jeudi 23 Ruhuhuma 2017

Mu rugendo arimwo mu gisagara ca Johannesburg, mu gihugu ca Afrika y’Epfo,abayobozi b’umupira w’amaguru ku mugabane wa Afrika basaba umuyobozi wa FIFA Gianni Infantino kuronswa ibibanza 10 mu gikombe c’isi.

Umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu gihugu ca Afrika y’Epfo Danny Jordaan yavuze ko amashirahamwe yose y’umupira w’amaguru ashigikiye ko imirwi yitaba ihiganwa ry’isi yose rijamwo imirwi 48 mu gihe ubu kijamwo imirwi 32 gusa.

Danny Jordaan yavuze ko ku mugabane wa Afrika bizeye ko mu gihe imirwi yahora yitaba iryo higanwa iva ku mugabane wa Afrika ari 5 gusa, ubu bazoca bemererwa kurungika imirwi 10 yitaba iryo higanwa.

Ingingo yo kuduza imirwi yitaba ihiganwa ry’igikombe c’umupira w’amaguru kw’isi gushika ku bihugu 48 yemejwe n’inama ya FIFA , ariko izotangura kuja mu ngiro mu gikombe c’isi kizoba mu mwaka wa 2026,umurwi uzokwakira iryo higanwa uzomenyekana mu mwaka wa 2020.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.