Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ahmad yatowe kurongora ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika (...)
Ahmad yatowe kurongora ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika CAF
jeudi 16 Ntwarante 2017
Umunyamadagascar Ahmad niwe yatowe ngo asubirire Issa Hayatou ava mu gihugu ca Cameroun mu kibanza c’umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ku mugabane wa Afrika CAF.
Ahmad yatowe ku majwi 34 ku majwi 20 ya Issa Hayatou yari asanzwe arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ku mugabane wa Afrika,kuva mu mwaka wa 1988.
Amatora yatoye Ahmad yabaye kuri uno wa kane igenekerezo rya 16 Ntwarante ,umwaka wa 2017,I Addis Abeba ku murwa mukuru w’igihugu ca Ethiopiya ahasanzwe hari icicaro c’ishirahamwery’umupira w’amaguru muri Afrika.
Ahmad yari asanzwe arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu gihugu ca Madagascar.

IGIHE
Messages
19 Ntwarante 2017, 22:30, par NAHIMANA THARCISSE
NAJE AHINDURE IBINTU NU BURUNDI DUTWARE IGIKOMBE CA FIRIKA HAMWE NA FIRIKA DUTWARE IGIKOMBE CISI
27 Ntwarante 2017, 16:54, par .
À
9 Ndamukiza 2017, 10:58, par Jamar Irankunda
Ndamukeje Cane Rwose