IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ahmed wa CAF ntiyemera umushahara agenerwa n’ishirahamwe arongoye

Ahmed wa CAF ntiyemera umushahara agenerwa n’ishirahamwe arongoye

mardi 9 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Yasiguye ko yafashe ingingo y’ukutakira uwo mushahara, kuko udakurikije amategeko.

Ku bwiwe, imishahara y’abakozi ba CAF bose, guhera ku bayobozi n’abayobozi bo ku rwego rwo hejuru, ndetse n’umukuru wa CAF, yose nticiye mu muco.

Ivyo yabishikirije mu nama yagiranye n’abayobozi bakuru ba CAF kuri uwu wa mbere, mu mwiteguro y’inama rusangi y’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi yose (FIFA), iyo nama ikazoba kw’igenekerezo rya 11 Rusama 2017.

JPEG - 30.8 ko
Ahmed, umuyobozi mukuru wa CAF

Umuyobozi mukuru wa CAF avuga ko zimwe mu ngingo nkuru zizokwigirwa muri iyo nama rusangi ari uburyo bwo kuzana impinduka muri iryo shirahamwe, umwe wese mu barigize akamenya ibiriko birakorwa, ivyo bikorwa navyo bikabera mu muco, umwe wese akamenya aho ahera n’aho ahereza mu ngingo afata.

Ahmed yiyemeje kandi gufasha mw’iterambere ry’umupira w’amaguru ku mugabane wa Afrika, yibutsa ko iryo shirahamwe ritariho kugira rirondere amafaranga y’ukwiteza imbere ubwaryo ryonyene.


NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.