IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Bimenyimana Bonfils Caleb wa Vitalo FC agiye gukina mw’ihiganwa (...)

Bimenyimana Bonfils Caleb wa Vitalo FC agiye gukina mw’ihiganwa ry’Urwanda

mercredi 26 Mukakaro 2017

Amakuru ava mu gihugu c’Urwanda amenyesha ko, umwe mu bayobozi ba Rayon Sports RUDASINGWA J.Marie Vianney yavuze ko umukinyi Bimenyimana Bonfils Caleb ashobora kurara kuri uwu wa gatatu ashize umukono ku masezerano yo gukinira Rayon Sports.

Yavuze ko bamaze kuvugana n’umukinyi Bimenyimana Bonfils Caleb ariko ko hasigaye ko bimenyeshwa ku mugaragaro ko abaye umukinyi wa Rayon Sports, ahejeje gushira umukono ku masezerano.

JPEG - 235.8 ko
Bimenyimana Bonfils Caleb,agiye gukinira Rayon Sports

Bimenyimana Bonfils Caleb yari yarondewe n’umurwi wa Rayon Sports mu mwaka wa 2016, ariko ntivyakunze ko awukinira kuko yaciye akinira umurwi Vitalo FC.

Bimenyimana Bonfils Caleb yari asanzwe akina mu murwi nserukiragihugu w’Uburundi w’abakinyi bakina mw’ihiganwa ry’Uburundi.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.