Bleacher Report: Christiano Ronaldo na Lionel Messi mu bahiganirwa umupira w’inzahabu

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 4 Mukakaro 2017 saa 05:06
Yasomwe : 6732
0 0

Ihuriro ry’abamenyeshamakuru b’inkino Bleacher Report ryashize ahabona urutonde rw’abakinyi cumi ribona bohiganirwa umupira w’inzahabu w’umwaka wa 2017.

Uwuza mu kibanza ca mbere kuri urwo rutonde ni umukinyi Christiano Ronaldo akinira umurwi Real Madrid mu gihugu ca Espagne, agakurikirwa mu kibanza ca kabiri n’umukinyi Lionel Messi nawe akina mu murwi FC Barcelone mu gihugu ca Espagne nyene.

Mu kibanza ca gatatu haza umukinyi Kylian Mbappe akinira umurwi wa Monaco mu gihugu c’Ubufaransa, mu kibanza ca kane hakaza umukinyi Neymar Junior akinira umurwi FC Barcelone.

Abandi bari kuri urwa rutonde ni Robert Lewandowski akinira umurwi Bayern Munich,Gonzalo Higuain akinira umurwi Manchester City , Luis Suarez akinira umurwi FC Barcelone ,Paulo Dybala akinira umurwi Juventus de Turin, Antoine Griezman akinira umurwi Athletico Olympique muri Espagne, na Pierre Emerick Aubameyang akinira umurwi Borussia Dortimund.

Umukinyi Christiano Ronaldo amaze kuronka umupira w’inzahabu incuro zine,umukinyi Lionel Messi nawe afise imipira itanu y’inzahabu.


Kumenyekanisha

1
Saido 11-07-2017 à 23:35

vyiz Cr7 Ntateterez.

2
Niragira Alexis 5-07-2017 à 13:53

umupiraw’inzahabunuwa:lionnel Messi

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha