Burundi - Sudani :Ibitsindo bitatu vy’Uburundi mu minota 30

Yanditswe na Egide NDUWIMANA na Van Naris MUGISHA
Kuya 10 Ruheshi 2017 saa 02:51
Yasomwe : 12690
0 0

Urukino ruhuza Uburundi na Sudani rwo kuri uwu wa gatandatu rwitabwe n’abarorerezi benshi baje gushigikira umurwi w’Uburundi.

Abakinyi b’Intamba mu rugamba batangura mu kibuga

Jonathan Nahimana,
Moussa Omar,
Frédéric Nsabiyumva,
Rashid Léon Harerimana,
Karim Nizigiyimana,
Pierre Kwizera,
Gael Duhayindavyi,
Shassir Nahimana,
Fiston Abdul Razzak,
Selemani Ndikumana,
Cedric Amissi

Abasubirira abandi

Yvan Rugumandiye,
David Nshimirimana,
Trésor Ndikumana,
Laudit Mavugo,
Claude Ndarusanze,
Claude Nahimana,
Dany Cedric Urasenga

14h45 : Abakinyi b’imirwi yompi bavuye mu kibuga kwinonora imitsi. Basubiriye aho bihindurira (Vestiaire) kubira bace bagaruka mu kibuga

14h56 : Indirimbo zihayagiza igihugu ca Sudani iriko irasamirana, haca hakurikira indirimbo Burundi Bwacu ihayagiza Uburundi.

15h : Urukino ruratanguye

15h10 : Umusatirizi Selemani Yamin NDIKUMANA ahakije igitsindo ku mupira mwiza yacenze abakinyi b’inyuma ba Sudani

15h12 : Igitsindo ca mbere c’Uburundi cinjijwe na Amissi Cedrick akina mu gihugu ca Portugal

15h16 : Gael DUHAYINDAVYI akinira umurwi wa Vital’O yinjije igitsindo kigira kabiri c’Uburundi. Sudani ntirabona izamu ry’Uburundi.

15h32 : igitsindo ca gatatu c’Uburundi. Fiston Abdul Razzak akira mu gihugu ca Afrika y’epfo acinjiye ku mupira umuvuye inyuma.

15h41 : igice ca mbere c’urukino kiraheze. Uburundi bumaze kwinjiza ibitsindo bitatu ku busa bwa Sudani.


Kumenyekanisha

1
Nyabenda Egide 10-06-2017 à 21:02

komere Ntamba Murugamba,muragahore Mutsinda

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha