IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > CAF : Mohammed Salah yatowe nk’umukinyi w’umunyafrika w’umwaka

CAF : Mohammed Salah yatowe nk’umukinyi w’umunyafrika w’umwaka

vendredi 5 janvier 2018

Mohammed Salah akaba asumbije Sadio Mané ava mu gihugu ca Sénégal bakaba basanzwe bakinana mu murwi wa Liverpool,mu gihugu c’ubwongereza, hamwe n’umunya Gabon Pierre Emerick Obameyang akina mu gihugu c’ubudagi mu mugwi wa Dortmound.

Mu gisagara ca Accra, Mohammed Salah yaraye yinjiye mu mateka y’umupira w’amaguru muri Afrika,mu gutorwa nk’umukinyi yasumbije abandi,ku myaka yiwe 25, Mohammed Salah yaraye abaye umunya Misiri wa mbere atwaye ako gashimwe gahambaye ku mugabane wa Afirika gatangwa n’ishirahamwe CAF kuva mu mwaka wa 1992.

Umukinyi yaramaze kugera kure akaba ari uwahoze abica bigacika mu mugwi nserukira gihugu Aboutrika aho yashitse mu kibanza ca 2 mu mwaka wa 2008, akaba yigeze gutahukana agashimwe k’umukinyi yigenjeje neza gatangwa n’ikinyamakuru BBC.

Mohammed Salah, nkuko yabiganiriye ikinyamakuru RFI, avuga ati : « Gutsindira aka gashimwe ni nk’indoto yahindutse ukuri.Umwaka wa 2017 wabaye uwa mbere kuri jewe.Nawubayemwo ibihe biteye igomwe cane, wambereye umwaka w’igitangaza.Nawugizemwo amahirwe menshi na cane cane mu murwi nserukiragihugu. »

Mohammed Salah akaba afatwa nk’intwari ya Misiri aho yagize uruhara runini kugira Misiri ironke uburenganzira bwo kwitaba igikombe c’isi kigiye kubera mu gihugu c’Uburusiya uyu mwaka 2018, aho yatsinze ibitsindo 5 mu majonjora.

Twokwibutsa ko Mohammed Salah yaheruka guhabwa agashimwe gasa nk’ako n’ikinyamakuru BBC, mu kwezi guheze kwa Kigarama.


BUKURU Pacifique

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.