IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Umurwi Olympic Star wanganije n’umurwi Etoile Filante wo muri Burkina (...)

Umurwi Olympic Star wanganije n’umurwi Etoile Filante wo muri Burkina Faso

samedi 10 février 2018

Muri urwo rukino rwatanguye igihe c’isaha icenda, imirwi yose yatanguye yerekana ko ikeneye intsinzi, ariko umurwi wa Etoile Filante ukaba wagerageje gusatira ku buryo ku munota wa gatatu gusa, warumaze gutuma umukinyi w’inyuma akora ikosa naho nyene ata gitsindo binjije.

Ku munota w’umunani w’urukino, umurwi Etoile Filante waronse akaryo ko kwinjiza igitsindo, ariko umupira uca hejuru y’igiti, ariko umupira waciye k’umukinyi wa Olympic Star, ivyatumye baca batera wa mupira uterekwa mu nfuruka z’ikibuga.

Kuva munota wa 24 gushika ku munota mu mpera z’igice ca mbere c’urukino, umurwi Olympic Star wivyukiranije uraronka uburyo butari buke bwo gutera mw’igori, naho nyene amahirwe atabaye menshi, yo kwinjiza igitsindo,minota 45 y’igice ca mbere ica ihera imirwi yose inganya ubusa ku bundi.

Mu gice ca kabiri c’urukino, umurwi Etoile Filante waje usa n’uwahinduye umukenyuro, kuko k’umunota wa 50, umurwi Etoile Filante wari uronse akaryo ko kwinjiza, naho nyene umunyezamu yavyifashemwo neza, asubiza inyuma umupira.

Kuva ku munota wa 62 gushika hafi k’umunota wa 80, umumenyereza NAHIMANA Hussein WELO amaze gusubiriza abakinyi bamwe bamwe, umurwi Olympic Star werekanye urukino rwiza, mbere ukaba waronse uburyo bushika butatu bwo gutera mw’igori, naho batashoboye kuronka igitsindo.

Mu minota 10 ya nyuma y’urukino, imirwi yose yabandanije gusatira, ariko urukino ruhera ata murwi utsinze uwundi.

Umumenyereza wa Olympic Star NAHIMANA Hussein WELO avuga ko ashima kuba batatsindiwe ku kibuga cabo, ariko agasigura ko kuba batatsinze, ar’uko abakinyi biwe batamenyereye amahiganwa mpuzamakungu.

JPEG - 181.9 ko
NAHIMANA Hussein WELO, umumenyereza w’umurwi Olympic Star

Ati : « Turashima ko tudatsindiwe iwacu.Umurwi Etoile Filante wadusumbije ukumenyera, badusumbije inguvu. Twebwe mu murwi wacu abakinyi babiri nibo bonyene bari bamaze gukina amahiganwa mpuzamakungu. »

NAHIMANA Hussein WELO avuga ko mu rukino rw’umupira w’amaguru hari ugutsinda, ugutsindwa canke ukunganya, ari naco gituma yizera ko bashobora gutsindira umurwi Etoile Filante mu gihugu ca Burkina Faso, kuko kubwiwe, mu mupira w’amaguru vyose bishoboka.

Ku ruhande rwiwe, BUREMO Kabore, umumenyereza w’umurwi Etoile Filante, avuga ko batangaye kuko amakuru bari baje bafise atariyo babonye mu kibuga, kuko basanze umurwi Olympic Star ari umurwi mwiza.

JPEG - 177.4 ko
BUREMO Kabore, umumenyereza w’umurwi Etoile Filante

Ati : « Twatangaye, Olympic Star ni umurwi mwiza. Bakina neza umupira. Tugiye kwitegurira urukino rukurikira. »

Avuga ko kuba banganije batakinye urukino rwo kuzibira, ahubwo n’uburuhe burimwo kuko bataronse umwanya ukwiye wo kuruhuka mu Burundi, akamenyesha ko bagiye gutangura kuruhuka neza hanyuma n’abakinyi bagize invune babavure, gutyo bitegurire urukino rwo gusubiza, ruzobera mu gihugu ca Burkina Faso.

JPEG - 163.4 ko
Umwana yari yaje gushigikira umurwi Etoile Filante, wo mu gihugu ca Burkina Faso
JPEG - 183 ko
Abana baje gushigikira umurwi Etoile Filante

MUGISHA Van Naris

Messages

  • Ndashima Urukino Umurwi Wacu Olympic Star Yakinye Nukuri Ubusabusa Busumba Ubusa Twebwe Turafise Amahirwe Wokubandanya Kuko Iwabo Basaba Kudutsinda Natwe Bisaba Kunganye Mubitsindo. Ariko Kandi Kuja Mu Mapenariti Birashoboka Kuko Bagize Ubusa Kubusa. Ivyo Navyo Amapenariti Hakora Imana. Umurwi Wa Olympic Star Uzobikora Iwabo Muri Burkinafaso. Star Oyeeeeeeeeeeeeee 1 -0

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.