IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > CAF : Umurwi Olympic Star wasezeye ihiganwa rya Coupe de la (...)

CAF : Umurwi Olympic Star wasezeye ihiganwa rya Coupe de la Confederation

lundi 19 mars 2018

Urukino rwabaye ku mugoroba wo kur’uyu wa gatandatu, ku kibuga c’I Obeid, ku birometero 400 uva ku murwa mukuru wa Sudani Karthoum.

Mu rukino rwa mbere, umurwi Olympic Star wari wanganije n’umurwi Al Hilal Obeid ubusa ku bundi, mu rukino rwabaye kw’igenekerezo rya 7 Ntwarante 2018, ku kibuga Urukundo co mu ntara ya Ngozi.

Umurwi Olympic Star washitse mu gice c’inkino za kabiri, ukuyemwo umurwi Etoile Filante wo mu gihugu ca Burkina Faso, uwutsinze mu nkino zibiri igitsindo kimwe ku busa, kuko mu rukino rwa mbere rwabereye I Bujumbura, imirwi yose yari yanganije, ariko umurwi Olympic Star uca utsindira Etoile Filante iwabo, igitsindo kimwe ku busa.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.