CAF : Urukino ruhuza Uburundi na Sudani rwungururijwe ku rindi sango

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 15 juillet 2017 saa 10:48
Yasomwe : 5121
0 0

Uurukino rwari guhuza umurwi nserukiragihugu w’Uburundi Intamba mu Rugamba n’uwa Sudani ,kuri uno wa gatandatu igenekerezo rya 15 Mukakaro 2017 rwungururijwe kw’igenekerezo rya 22 Mukakaro 2017.

Ingingo yo kwunguruza urwo rukino,yafashwe n’Ishirahamawe ry’umupira w’amaguru ku mugabane wa Afrika CAF, kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 14 Mukakaro 2017.

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ku mugabane wa Afrika CAF, ryamenyesheje ko ryafashe iyo ngingo bivanye n’uko ishirahamwe ryo muri Sudani ryaryandikiye ririmenyesha ko umwanya bafise kuva ibihano vya FIFA bihagaritswe utoborohereza gushikana umurwi mu gisagara ca Bujumbura.

Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu gihugu ca Sudani ryari ryafatiwe ibihano, ryagirizwa ko ubutegetsi bwivanga mu bijanye n’itunganywa ry’ishirahamwe.

Urwo rukino rwari urwo kurondera uburenganzira bwo gukina ihiganwa rihuza imirwi nserukirabihugu ikinisha abakinyi bakinira mu bihugu vyabo CHAN, rizobera mu gihugu ca Kenya ,mu mwaka uza wa 2018.

Ibihano vyahagaritswe kuwa kane igenekerezo rya 13 Mukakaro 2017.


Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha