IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > CAF yatanguje amatohoza ku giturire kivugwa mu rukino rwahuje LLBS4 Afrika (...)

CAF yatanguje amatohoza ku giturire kivugwa mu rukino rwahuje LLBS4 Afrika na Rayon Sport

mercredi 28 février 2018

Nk’uko biri mw’ikete ryateweko umukono n’umunyamabanga mukuru wa CAF Amr Fahmy, ryo kuwa 27 Ruhuhuma 2018, buca urukino ruba, abaje baherekeje umurwi Rayon Sport wo mu Rwanda babonywe bari mu cumba c’ihoteri inomero 501 c’umuhagarikizi agira kane w’urukino, , mu gihe abandi bari hanze y’ico cumba.

Muri iryo kete, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe CAF, Amr Fahmy,avuga ko, mu gihe abarongoye umurwi LLBS4 Afrika bagerageza kwegera ico cumba carimwo umuhagarikizi agira kane n’abaje baherekeje umurwi Rayon Sport, uwo muhagarikizi n’abo baherekeje umurwi Rayon Sport baciye bagerageza gusohoka, ariko igiporisi gica kirahashika kugira kibuze kugenda abo bahagarikizi.

Iryo kete nyene rimenyesha ko uwaje gukurikirana urukino arungitswe n’ishirahamwe CAF yaciye akora amatohoza yiwe, yongera akurikirana ivyafashwe n’ivyuma bifata amasanamu (camera de surveillance) y’ibibera mw’ihoteri bari bashikiyemwo, ariko urukino ruraba nk’uko vyari bitegekanijwe.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika CAF, amenyesha ko ishirahamwe CAF ryamaze gushira mu ngiro amategeko agenga indero mw’ishirahamwe CAF, rikaba ryatanguye amatohoza, aho abegwa n’ikibazo bose basabwa kw’ishura ku bibazo bazobazwa hatarenze kw’igenekerezo rya 6 Ntwarante 2018.

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru CAF Amr Fahmy amenyesha ko, inyuma y’ivyo ikibazo kizoca gishikirizwa umurwi wa CAF ujejwe indero.

Urukino rwahuje umurwi LLBS4 Afrika na Rayon Sport rwarangiye umurwi Rayon Sport utsinze LLBS 4 Afrika igitsindo kimwe ku busa. Mu rukino rwo gutangura rwabereye mu Rwanda, umurwi LLBS4 Afrika wanganije na Rayon Sport igitsindo kimwe ku kindi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.