IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > CAF yemeye gufasha imirwi yo ku mugabane wa Afrika izokina igikombe (...)

CAF yemeye gufasha imirwi yo ku mugabane wa Afrika izokina igikombe c’isi

samedi 2 décembre 2017

Ivyo bihugu bitanu vyo ku mugabane wa Afrika vyaronse uburenganzira bwo gukina igikombe c’isi kizoba kuva kw’igenekerezo rya 14 Ruheshi gushika kurya 15 Mukakaro ni : Misiri, Senegal, Tiniziya, Nijeriya na Maroke.

Ishirahamwe CAF ryamenyesheje ayo makuru, inyuma yaho ku muhingamo wo kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 1 Kigarama 2017, hamenyekaniye uko imirwi nserukirabihugu izohurira mu mirwi igizwe n’ibihugu bine bine.

Mw’itangazo ry’ishirahamwe CAF, iryo shirahamwe rimenyesha ko ayo mafaranga zofasha ivyo bihugu mu bijanye n’imyambaro ikozwe mu buhinga bwa none ifasha abakinyi mu myimenyerezo, ibikoresho vy’ubuhinga bwa none, hamwe n’ibifasha abakinyi kwongereza inguvu.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.