CECAFA 2017 : Umumenyereza yasohoye urutonde rw’abakinyi bagiye gutangura imyimenyerezo

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 22 novembre 2017 saa 10:13
Yasomwe : 8010
0 0

Umumenyereza w’umurwi nserukira gihugu Intamba mu Rugamba Olivier NIYUNGEKO yashize ahabona urutonde rw’abakinyi 25 bagiye gutangura kwitegurira ihiganwa rya CECAFA rizobera mu gihugu ca Kenya .Hejuru y’abakinyi bakina mu mirwi yo mu gihugu, umumenyereza yatumyeko kandi abakinyi bakina mu mahiganwa yo hanze, nko mu Rwanda, na Tanzaniya.

Abanyegori umumenyereza yatumyeko ni batatu :

1. RUKUNDO Onésime
2. NAHIMANA Jonathan
3. MUTOMBO Fabien

Abakinyi b’inyuma ni umunani :

1. MOUSSA Omar
2. NSHIMIRIMANA David
3. NDORIYOBIJA Eric
4. HARERIMANA Rachid Léon
5. BARISINZE Nassor
6. NDIKUMANA Trésor
7. MWENABANTU John
8. KAMANA Ismaël

Abakinyi bo hagati ni indwi :

1. KWIZERA Pierre
2. DUHAYINDAVYI Gaël
3. URASENGA Cédric Danny
4. NDAYISHIMIYE Youssouf
5. NAHIMANA Shassir
6. HARERIMANA Moussa
7. NDIKUMANA Moussa

Abasatirizi ni indwi :

1. ABDOUL Fiston
2. MOUSSA Mossi
3. SHABANI Hussein
4. SHAKA Bienvenue
5. MAVUGO Laudit
6. SLIM Said
7. IDDY Muselemu

Bitegekanijwe ko imyimenyerezo izotangura kuwa mbere igenekerezo rya 27 Munyonyo 2017, ku kibuga co ku kigo c’ubuhinga (Centre Technique ) kiri mu Ngagara.

Ihiganwa rya CECAFA 2017 rizoba kuva kw’igenekerezo rya 3 gushika kurya 17 Kigarama 2017.

Igihugu c’Uburundi kiri mu murwi B urimwo igihugu c’Uburundi, Ubuganda, Zimbabwe, Etiyopiya hamwe na Sudani yo mu Bumanuko.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha