Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CECAFA U17 : Imirwi ya Uganda na Kenya ihiganirwa ikibanza ca (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > CECAFA U17 : Imirwi ya Uganda na Kenya ihiganirwa ikibanza ca (...)

CECAFA U17 : Imirwi ya Uganda na Kenya ihiganirwa ikibanza ca gatatu

samedi 28 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Urwo rukino rwo kurondera uwutahukana ikibanza ca 3 ruza kubera ku kibuga c’i Buye mu ntara ya Ngozi.

Umurwi w’igihugu ca Kenya watsinzwe n’igihugu ca Tanzaniya ibsitindo 2 kuri 1 ku kibuga "Umuco" co mu ntara ya Muyinga mu gice ca kabiri gishira ica nyuma, nayo igihugu c’Ubuganda gitsindwa n’igihugu ca Somariya igitsindo 1 ku busa bw’Ubuganda ku kibuga Ingoma co mu ntara ya Gitega.

Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi, wavuye mw’ihiganwa mu gice ca mbere c’inkino, ufise amanota 4, kuko watsinzwe urukino rumwe, unganya rumwe, utsinda kandi urukino rumwe.

Bitegekanijwe ko urukino rwa nyuma (Final) ruzohuza igihugu ca Tanzaniya na Somariya ruzoba ejo ku munsi w’Imana igenekerezo rya 29 Ndamukiza 2018. Umukuru w’igihugu ca Somariya Mohamed Abdullahi Farmajo akazoba yishikiye kuraba urwo rukino.


Vianney BIKORIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.