Accueil > Inkino > FOOTBALL > CECAFA U17 : Imirwi ya Uganda na Kenya ihiganirwa ikibanza ca (...)
CECAFA U17 : Imirwi ya Uganda na Kenya ihiganirwa ikibanza ca gatatu
samedi 28 Ndamukiza 2018, par
Urwo rukino rwo kurondera uwutahukana ikibanza ca 3 ruza kubera ku kibuga c’i Buye mu ntara ya Ngozi.
Umurwi w’igihugu ca Kenya watsinzwe n’igihugu ca Tanzaniya ibsitindo 2 kuri 1 ku kibuga "Umuco" co mu ntara ya Muyinga mu gice ca kabiri gishira ica nyuma, nayo igihugu c’Ubuganda gitsindwa n’igihugu ca Somariya igitsindo 1 ku busa bw’Ubuganda ku kibuga Ingoma co mu ntara ya Gitega.

Umurwi nserukiragihugu w’Uburundi, wavuye mw’ihiganwa mu gice ca mbere c’inkino, ufise amanota 4, kuko watsinzwe urukino rumwe, unganya rumwe, utsinda kandi urukino rumwe.
Bitegekanijwe ko urukino rwa nyuma (Final) ruzohuza igihugu ca Tanzaniya na Somariya ruzoba ejo ku munsi w’Imana igenekerezo rya 29 Ndamukiza 2018. Umukuru w’igihugu ca Somariya Mohamed Abdullahi Farmajo akazoba yishikiye kuraba urwo rukino.
Vianney BIKORIMANA
Messages
29 Ndamukiza 2018, 02:06, par fabrice
kurukino rwejo amahirwe nayatanzania