Accueil > Inkino > FOOTBALL > Ibibuga vyo mu ntara zitatu nivyo bizokwakira inkino za CECAFA (...)
Ibibuga vyo mu ntara zitatu nivyo bizokwakira inkino za CECAFA U17
vendredi 13 avril 2018
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ari kumwe n’icegera ca mbere c’umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB, kur’uno wa gatanu igenekerezo rya 13 Ndamukiza 2018, Nicolas MUSONYE, amenyesha ko iryo higanwa rizobera mu ntara za Ngozi, Muyinga na Gitega.
Nicolas MUSONYE avuga ko kuba bateguye ko izo nkino zibera mu ntara zitatu bafise impamvu, agasaba abarundi bose, hamwe n’ababa mu gihugu ca Tanzaniya ahegereye Uburundi, kuza gushigikira imirwi yabo, abamenyeshamakuru nabo abasaba kuvuga amakuru ajanye n’izo nkino , kuko ari iteka ku gihugu.
« I Muyinga hazobera inkino 6, I Ngozi hazobera inkino zitandatu, I Gitega habere inkino 4. Twabitunganije ukwo, kugira abarundi benshi bazoronke akaryo ko gukurikirana izo nkino. »

Kubwa Aimable HABIMANA, icegera ca mbere c’umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB, ibikenwe vyose biramaze gukorwa kugira iryo higanwa rizogende neza.
Ati :« Ibikenewe vyose vyarakozwe kugira inkino zizogende neza. Ingingo zose zose zarafashwe kugira iryo higanwa rizogende neza. »
Nk’umunyamabanga mukuru wa CECAFA Nicolas MUSONYE, icegera ca mbere c’umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi, nawe asaba abarundi kwitaba no gushigikira umurwi nserukiragihug, kuko ari iteka ku gihugu.
Urukino rwa mbere rw’ihiganwa rya CECAFA rihuza abana batarenza imyaka 17 ruzohuza umurwi w’Uburundi n’uwa Kenya ku kibuga c’I Muyinga, isaha icenda z’umuhingamo kur’uno wa gatandatu igenekerezo rya 14 Ndamukiza 2018.
Imirwi nserukiragihugu y’Uburundi, Kenya, Zanzibar, Somaliya, Sudani, Etiyopiya, Tanzaniya na Kenya niyo yitavye ihiganwa.
MUGISHA Van Naris
Messages
20 avril 2018, 09:54, par SAMUEL NDAYISENGA
NIPFUZA YUKO UBURUNDI BWOTERA IMBERE KUKO NANJE NDI UMUKINYI