CECAFA U17 : Umurwi nserukiragihugu wa Tanzaniya watahanye igikombe.

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 30 avril 2018 saa 08:26
Yasomwe :
0 0

Ihiganwa rya CECAFA ry’abana batarenza imyaka 17 ryari rimaze indwi ririko ribera mu Burundi ryararangiye kur’uno w’ Imana igenekerezo rya 29 Ndamukiza 2018. Umurwi nserukiragihugu wa Tanzaniya, niwo watahukanye igikombe, utsinze umurwi nserukiragihugu wa Somaliya, ibitsindo bibiri ku busa.

Urukino rwa nyuma rwabereye ku kibuga Ingoma co mu ntara ya Gitega, kuva igihe c’isaha umunani z’umuhingamo, ariko inyuma y’umwanya muto rutanguye abahagarikizi baciye baruhagarika kubera imvura nyinshi yariko iragwa.

Urukino rusubiriye gutangura, imirwi yose yaje yerekana ko ikeneye intsinzi, ariko umurwi wa Tanzaniya niwo waronse amahirwe, kuko mu minota ya mbere y’urukino ariho waronka igitsindo ca mbere, igice ca mbere gica gihera ari igitsindo kimwe ca Tanzaniya ku busa bwa Somaliya.

Mu gice ca kabiri c’urukino, umurwi wa Tanzaniya wagarutse ushaka igitsindo, ari nako vyagenze, kuko mu minota ya mbere y’igice ca kabiri umukinyi wa Tanzniya, yinjije igitsindo ca kabiri, urukino ruca ruhera ari ibitsindo bibiri vya Tanzaniya ku bsa bwa Somaliya.

Ibirori vyo gutanga igikombe n’imidari, vyari vyatewe iteka, n’umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi Reverien NDIKURIYO, umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Afrika Ahmed Ahmed, icegera c’umushikiranganji wa mbere wa Somaliya, n’abandi banyecubahiro.

Ikibanza ca gatatu catahukanye umurwi w’Ubuganda utsinze igihugu ca Kenya ibitsindo bine kuri kimwe, mu rukino rwabaye kuwa gatandatu igenekerezo rya 28 Ndamukiza 2018.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha