IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > CECAFA : Uburundi butahanye amanota atatu ya mbere butsinze (...)

CECAFA : Uburundi butahanye amanota atatu ya mbere butsinze Etiyopiya

jeudi 7 décembre 2017

Igitsindo ca mbere cabonetse ku munota wa 30 mu gice ca mbere, cinjijwe na Pierrot Kwizera,igice ca mbere kikaba caciye kirangira ku gitsindo kimwe ku kindi, inyuma y’igitsindo cinjijwe n’umukinyi wa Etiyopiya.

Mu ntango y’igice ca kabiri, ku munota wa 55, Cédric Kagabo akina hagati aca yinjiza igitsindo ca kabiri, inyuma y’iminota itarenga cumi n’ine gusa, umusatirizi rurangiranwa Laudit Mavugo aba arinjije igitsindo kigira gatatu ku munota wa 69.

Urukino rusigaje iminota 11 ngo rurangire, niho Shassir Nahimana yahohosha umugwi wa Ethiopiya awutsinda igitsindo canyuma, gutyo urukino rurangira Uburundi bwirahiye Etiyopiya ibitsindo 4 vyose kuri 1.

Uburundi buca bukwiza amanota 4 kuri 6 mu nkino zibiri bamaze gukina


Pacifique BUKURU

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.