COSAFA CUP: Umurwi nserukiragihugu wa Zimbabwe watahukanye igikombe

Yanditswe na Vianney BIKORIMANA
Kuya 10 Mukakaro 2017 saa 12:34
Yasomwe : 3375
0 0

Umugwi nserukira gihugu w’umupira w’amaguru wo mu gihugu ca Zimbabwe « Warriors » waraye utahukanye igikombe citiriwe Cosafa utsinze igihugu ca Zambiya ku bitsindo 3 ku gitsindo 1 ca Zambiya.

Mu rukino rwa nyuma rwabaye kuri uno w’Imana igenekerezo rya 9 Mukakaro 2017,ibitsindo 3 vyahaye intsinzi Zimbabwe vyinjijwe na Knox Mutizwa,Talent Chawapiwa hamwe na Ocean Mushure.

Igihugu ca Zimbabwe gitwaye igikombe ku ncuro igira 5,umumeneyereza Sunday Chidzambwa akaba agitwaye ku ncuro ya 3 harimwo ivyo mu myaka ya 2003 na 2009.

Ihiganwa rya COSAFA ryahuriyemwo ibihugu munani arivyo : Zambiya,Zimbabwe,Lesotho,Botswana,Afrika y’Epfo,Namibiya,Swaziland na Tanzaniya.


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha