IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Christiano Ronaldo ashobora kuva mu murwi Real Madrid

Christiano Ronaldo ashobora kuva mu murwi Real Madrid

samedi 17 Ruheshi 2017

Umucamanza wo mu gihugu ca Espagne amenyesha ko Christiano Ronaldo yanse kuriha amafaranga aharurwa mu miriyoni z’amanyaburaya, y’ikori kandi abikora abizi.

Ku ruhande rwiwe, Christiano Ronaldo arahakana ivyo yagirizwa, akaba yamenyesheje ko wewe ivyo akora vyose abikora ku mugaragaro no mu kuri, kandi ko yakoze ibintu vyose yasabwa gukora.

Christiano Ronaldo yavuze ati : “Sinshaka kandi kuba hano muri Espagne, nshaka kuhava nimuke .”

Christiano yashikirije ivyo mu gihe yaheruka gushira umukono ku masezerano y’imyaka 5 yo gukinira uwo murwi muri Munyonyo umwaka wa 2016, amasezerano yorangiye mu mwaka wa 2021.

Christiano Ronaldo afise imyaka 32 y’amavuka yatanguye gukinira umurwi wa Real Madrid kuva mu mwaka wa 2009 avuye mu murwi wa Manchester United


BIKORIMANA Vianney

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.