IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Christiano Ronaldo yahawe agashimwe k’umukinyi yigenjeje neza i (...)

Christiano Ronaldo yahawe agashimwe k’umukinyi yigenjeje neza i Buraya

vendredi 25 Myandagaro 2017

Umukinyi Christiano Ronaldo yaronse ako gashimwe k’umukinyi yigenjeje neza, arushije umukinyi Lionel Messi akinira umurwi FC Barcelone na Gianluigi Buffon, umunyezamu akinira umurwi wa Juventus.

Christiano Ronaldo w’imyaka 32 aronse ako gashimwe inyuma yo gufasha umurwi wiwe wa Real Madrid gutahukana igikombe ca UEFA Champions League mu myaka ibiri ikurikirana, akaba ari nawe yahejeje afise ibitsindo vyinshi.

Ku ruhande rw’abakenyezi, ako gashimwe k’umukinyi yigenjeje neza kahawe Lieke Martens akinira umurwi FC Barcelone w’abakenyezi, akaba akinira kandi umurwi nserukiragihugu w’Ubuhorande.

Christiano Ronaldo aronse ako gashimwe ku ncuro igira gatatu, inyuma y’ako yaronse mu mwaka wa 2014 no mu mwaka wa 2016.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.