Accueil > Inkino > FOOTBALL > Christophe Nduwarugira agiye gukinira umurwi Clube de União da Madeira muri (...)
Christophe Nduwarugira agiye gukinira umurwi Clube de União da Madeira muri Portugal
jeudi 12 Nzero 2017
Umukinyi w’umurundi Christophe NDUWARUGIRA batazira Lucio yateye umukono ku masezerano yo gukinira umurwi wa Clube de União da Madeira,mu gihugu ca Portugal.
Christophe NDUWARUGIRA yashize umukono ku masezerano yo gukinira uwo murwi mu kiringo c’umwaka umwe n’igice.
Amakuru dukesha ibinyamakuru vy’inkino amenyesha ko Christophe NDUWARUGIRA yari amaze ikiringo c’ukwezi ageragezwa muri uyo murwi imbere yo gushira umukono ku masezerano.

Christophe NDUWARUGIRA batazira Lucio yahora akinira umurwi wa Chibuto mu gihugu ca Mozambique,yaraciye kandi mu murwi wa LLB Sport 4Africa wo mu cicaro ca mbere mu Burundi.
IGIHE
Messages
13 Nzero 2017, 13:25, par James Zacharie De Samuel
Natere imbere nk’umuzinga ashobore guhesha icubahiro igihugu ça mwibarutse ndu mukunzi wa chiputo kuko ndakunda gukwirikirana imyitozo yabo abarundi barimwo barashoboye kabisa
14 Nzero 2017, 13:17, par Vincent Ayou
Ndamusabiye Atere Imbere Numuzinga Kok N’ Igihungu Avamwo(arico Gihungu Cacu) Kica Kigira Ishura Ziza Mumakungu Kuvyerekeye Inkino Mbere Kikamenyekana Igihungu
31 Nzero 2017, 09:51, par Ndagijimana Vénuste
Emwe Yazayashika Atarukubesha Yamaze Gukoza Amaguru Mugihugu Cr7 Avukamwo Nnhe Nabarundi Turivyuma