Cibitoke : Umurwi BUMAMURU FC wahawe imodoka yo kwiyunguruza

Yanditswe na MUGISHA Van Naris
Kuya 29 janvier 2018 saa 11:23
14895
0 0

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Joseph BUTORE yatanze imodoka yo kwiyunguruza, ku murwi BUMAMURU FC wa Komine Buganda, intara ya Cibitoke, ukina mu cicaro ca kabiri c’umupira w’amaguru mu Burundi.

Iyo modoka yo mu bwoko bwa Toyota Hiace, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, yayitanze kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 28 Nzero 2018, inyuma y’urukino rwahuje umurwi BUMAMURU FC na Rusuzi FC, aho iyo mirwi yanganije ubusa ku bundi.

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu akaba kandi yarirabiye urukino rwo ku munsi wa gatatu w’ihiganwa rwahuje iyo mirwi yose uko ari ibiri, ifise ivyicaro, mu ntara ya Cibitoke, ari nayo asanzwe avukamwo.

Mu zindi nkino zo ku munsi wa gatatu w’ihiganwa ry’umupira w’amaguru, mu cicaro ca kabiri, vyagenze uku :

Kuwa gatatu igenekerezo rya 24 Nzero 2018 :

Espoir fc 0-1 Transport Fc .

Kuwa gatanu igenekerezo rya 26 Nzero 2018 :

Rukinzo Fc 0-0 BS Dynamik
Volontaires Fc 2-0 Muzinga Fc .

Kuwa gatandatu igenekerezo rya 27 Nzero 2018 :
Les Eléphants 0-1 Rumonge City
Busoni Stars 2-0 Magara Star
Kayanza United 1-1 Unité FC
Les Crocos 0-1 Moso Sugar


Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha