IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Claudio Ranieri yirukanywe mu mabanga yo kumenyereza Leicester (...)

Claudio Ranieri yirukanywe mu mabanga yo kumenyereza Leicester City

vendredi 24 Ruhuhuma 2017

Ubuyobozi bw’umurwi wa Leicester City bwirukanye umumenyereza Claudio Ranieri yahora awumenyereza kuri uno wa kane igenekerezo rya 23 Ruhuhuma,umwaka wa 2017, inyuma yo , mu rukino rw’igice c’umunani gishira ica nyuma mw’ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo ku mugabane wa Buraya.

Naho uwo mumenyereza yafashije umurwi wa Leicester City gutwara igikombe mw’ihiganwa ry’Ubwongereza mu mwaka uheze kandi bitari vyitezwe, Claudio Ranieri yagirizwa n’ubuyobozi kuba ataco ariko arafasha uwo murwi kugira wigenze neza mw’ihiganwa ry’Ubwongereza.

Umurwi wa Leicester City umaze gukina inkino zitandatu zikurikiranya mw’ihiganwa ry’Ubwongereza udatsinze, ubu uri mu kibanza ca 17, urusha inora rimwe gusa umurwi wa Hull City uri mu mirwi ishobora gusubira mu cicaro ca kabiri.

Iyirukanwa ry’umumenyereza Claudio Ranieri ryashimangiwe n’urukino rwo ku munsi wa gatatu mu rukino rwahuje umurwi wa Leicester City na Seville yo mu gihugu ca Espagne, aho seville yatsinze ibitsindo bibiri kuri kimwe ca Leicester City.

Abakurikiranira hafi umupira w’amaguru mu gihugu c’Ubwongereza bamenyesha ko badatahura ingene umurwi wabaye uwa mbere kandi wagurishije umukinyi umwe gusa, usubira inyuma gushika aho haba kwibaza ko ushobora gusubira mu cicaro ca kabiri.

Claudio Ranieri afise imyaka 65 y’amavuka ava mu gihugu c’Ubutaliyano yaheruka kuronka agashimwe k’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi FIFA k’umumenyereza w’umwaka,inyuma yo gutuma umurwi wa Leicester City utwara igikombe c’ihiganwa ry’Ubwongereza bitari vyitezwe.


IGIHE

Messages

  • None nkubu nimworaba mukamuha randevu yogusubira kumwizera akagaruka kusubira kumenyereza abo bakinyi ariko agahindura ingendo?yahora akorrsha agashiramwo umwete je nivyo mbona

  • None nkubu nimworaba mukamuha randevu yogusubira kumwizera akagaruka kusubira kumenyereza abo bakinyi ariko agahindura ingendo?yahora akorrsha agashiramwo umwete je nivyo mbona

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.