Accueil > Inkino > FOOTBALL > Côte d’Ivoire : Umukinyi Cheikh Tiote yitavye Imana ari mu myimenyerezo
Côte d’Ivoire : Umukinyi Cheikh Tiote yitavye Imana ari mu myimenyerezo
mardi 6 Ruheshi 2017
Cheikh Tiote w’imyaka 30 y’amavuko yitavye Imana kuwa mbere igenekerezo rya 5 Ruheshi 2017 yakina hagati mu murwi wa Beijing BG kuva mu kwezi kwa kabiri uyu mwaka wa 2017.
Amakuru dukesha iradiyo y’abafaransa RFI amenyesha ko Cheikh Tiote yaguye mu kibuga ariko agira imyimenyereza mu nyuma aca ajanwa mu bitaro aho hamenyekanye amakuru y ‘ukuri ko yitavye Imana.
Uwujejwe ubuzima bw’umukinyi Cheikh Tiote nta vyinshi yashimye kuvuga ku rupfu rw’umukinyi ajejwe ,ariko yasavye abakunzi b’umupira w’amaguru kwubaha ikigandaro c’umuryango wiwe.

Umukinyi Cheikh Tiote yatanguye gukina ku mugabane wa Buraya mu mwaka wa 2005,aho yatanguriye mu murwi wa Anderlecht mu gihugu c’Ububirigi aho yamaze imyaka ibiri,imbere y ‘uko aja mu gihugu c’Ubwongereza mu murwi wa NewCastle imbere y’uko aja mu murwi wa Beijing BG.
MUGISHA Van Naris