IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > FOOTBALL > Cristiano Ronaldo yatumweko kwitaba ubutungane bwa Espagne

Cristiano Ronaldo yatumweko kwitaba ubutungane bwa Espagne

mercredi 21 Ruheshi 2017

Cristiano Ronaldo yagirizwa kutariha amakori ashika imiliyoni 14,7 z’amafaranga y’abanyaburaya ava mu mafaranga arihwa, mu gihe ishusho yiwe ikoreshejwe n’amahinguriro ari mu bindi bihugu.

Kw’igenekerezo rya 13 Ruheshi 2017,parake yo mu gisagara ca Madrid yari yamenyesheje ko yashikanye ibirego yagiriza Cristiano Ronaldo ko atarishe amakori hagati y’umwaka wa 2011 na 2014.

Umuyobozi w’umurwi Real Madrid Florentino Perez yavuze ko gushika ubu Cristiano Ronaldo akiri umukinyi wa Real Madrid , kandi ataravugana nawe kuko bashaka ko agumiza umutima kw’ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere ku migabane.

Cristiano Ronaldo akinira umurwi wa Real Madrid kuva mu mwaka wa 2009.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.